Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Wema Sepetu yahagaritse urukundo rwiwe na Diamond
Wema Sepetu yahagaritse urukundo rwiwe na Diamond
samedi 22 Munyonyo 2014
Umukinyi w’amareresi Sepetu yatangaje ko yahagaritse imigenderanire y’urukundo na Diamond, ntiyashatse kuvuga impavu bavanye n’uwo muririmvyi naho hari abavuga ko vyoba vyatumwe n’umukobwa wo mu Bugande yoba akundanye na Diamond.
- Diamond mu rukundo na Wema Sepetu
Urukundo hagati ya Diamond na Sepetu Wema ntirwari rusanzwe, ariko ntawuzi ica ruciye. Wema Sepetu abwiwe ntatomora neza impavu yoba yatumye aheba Diamond. Igitangaza n’uko Wema yiyamiriza amakuru avuga ko yoba ahevye Diamond kubera Zarinah Hassan. Diamond nta nkeka ko yoba asigaye asohokana na Zarinah wo mu Buganda.
Insiguro Wema atanga ntizihagije, avuga ko ashatse guha umwanya Diamond wo kwidengevya maze akore neza umuziki wiwe, eka na wenyene ashaka akaruhuko. Inyuma y’ikiringo adatomora azoheza abaze Diamond ko atawe bakundana maze bishobotse basubirane. Ikindi n’uko Wema yemeza ko Diamond adakundana na Zarinah Hassan, n’abagenzi basanzwe.
Diamond abajijwe uko yakiriye ingingo Sepetu afashe, yishura ko umuntu wese afise uburenganzira bwo gukora ivyo ashatse, kandi arahakana ko adakundanye na Zarinah Hassan ko arri umugenzi gusa.
Mwomenya ko atari ubwa mbere Wema Sepetu na Diamond bavugira mu bimenyeshamakuru ko bahebanye ariko bagasubira. Wema Sepetu yari yatowe Miss Tanzaniya mu mwaka w’i 2006.



Cherif Nkeshimana
Messages
14 Gitugutu 2015, 11:06, par aisetou soumare
uyo muhungu diomond il est vraie que ari imaraya kuko kwiyinga ashaka umukobwa mushasha none azokubaka gute gusa yisubireko kandi birateye isoni kuja kuvyaza umugore wabana ba 3 ni baIa
24 Nzero 2016, 20:06, par dayamonde
imizikiyiwr
20 Ruhuhuma 2016, 07:18, par ferdinand
none diamond mwumva azorongora?
22 Gitugutu 2016, 20:02, par Ndi orivier frereux
Nipoa sana jewe ndakwemera kubera imisic usohora iraryoshe cane -Ndagukunda cane"diamond
22 Gitugutu 2016, 20:16, par Olivier ndagijimana
none wonyemerera komba umufana wawe jewe ndumurundi ariko ndagukunda cane.
19 Ntwarante 2017, 13:59, par Eric niyondiko
none kurivyo boba barasubiranye?
25 Ndamukiza 2017, 23:23, par Kenz
Nivyo Umuntu Wese Arekuriwegukunduwashats