Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wema Seputu yashize ahabona ireresi nshasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Wema Sepetu > Wema Seputu yashize ahabona ireresi nshasha

Wema Seputu yashize ahabona ireresi nshasha

vendredi 28 Ntwarante 2014

Umukinyi w’amareresi Wema Seputu yashize ku mugaragaro ireresi nshasha. Uwo mukinyi arizeye ko iyo reresi nshasha izokundwa na benshi.

Inyuma y’ireresi "My shoes" aherutse gushira ahabona, uwo mukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzaniya ntiyareze amaboko. Wema Seputu aherutse gushira ahabona iyindi yise "Madame". Ayo makuru tuyahabwa n’umumenyeshamakuru w’insamirizi "Umuco FM" ikorera mu ntara ya Ngozi, Claude Mvuyekure.
Muri iyo reresi habonekamwo abakinyi b’amareresi bakomeye bo muri Tanzaniya, nka Ally Mukuti, Déogratias Shija, Sudi na Rado.

Wema Seputu ni umukinyi w’amareresi amaze gushika ku ntambwe ishimishje aho muri ico gihugu, benshi baramuzi mu mareresi yakinanye n’umuhisi Steven Kanumba, yaranabaye Miss Tanzaniya mu mwaka w’2006. Ubu bivugwa ko yoba ari mu rukundo n’umuririmvyi Diamond.

Aha munsi hari agace gatoyi k’ireresi "Madame"


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.