Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Wema Sepetu > Wema Seputu yashize ahabona ireresi nshasha
Wema Seputu yashize ahabona ireresi nshasha
vendredi 28 Ntwarante 2014
Umukinyi w’amareresi Wema Seputu yashize ku mugaragaro ireresi nshasha. Uwo mukinyi arizeye ko iyo reresi nshasha izokundwa na benshi.

Inyuma y’ireresi "My shoes" aherutse gushira ahabona, uwo mukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzaniya ntiyareze amaboko. Wema Seputu aherutse gushira ahabona iyindi yise "Madame". Ayo makuru tuyahabwa n’umumenyeshamakuru w’insamirizi "Umuco FM" ikorera mu ntara ya Ngozi, Claude Mvuyekure.
Muri iyo reresi habonekamwo abakinyi b’amareresi bakomeye bo muri Tanzaniya, nka Ally Mukuti, Déogratias Shija, Sudi na Rado.
Wema Seputu ni umukinyi w’amareresi amaze gushika ku ntambwe ishimishje aho muri ico gihugu, benshi baramuzi mu mareresi yakinanye n’umuhisi Steven Kanumba, yaranabaye Miss Tanzaniya mu mwaka w’2006. Ubu bivugwa ko yoba ari mu rukundo n’umuririmvyi Diamond.
Aha munsi hari agace gatoyi k’ireresi "Madame"
Chérif Nkeshimana