IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irindiriye kuraba ibiri mu butumire yarungikiwe

Reta y’Uburundi irindiriye kuraba ibiri mu butumire yarungikiwe

mercredi 27 Ndamukiza 2016, par egide

Reta y’Uburundi imenyesha ko yaronse ubutumire ubwa nyuma mu biganiro bigiye guhuza Abarundi, muri Reta bakaba barindiriye kuraba ibiri muri ubwo butumire kugira bamenye namba bazokwitaba canke bareke. Reta ikavuga kandi ko izoganira gusa n’abatagiye mu bikorwa vy’uguhungabanya umutekano.

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ubutumire bwa Reta y’Uburundi muri ivyo biganiro bwashitse ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri ku mugoroba, bigafatwa ko abagize Reta babubonye mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, Willy NYAMITWE agatangazwa n’ukuba hari abandi banyeporitike yaba abari mu Burundi canke hanze y’igihugu baburonse imbere ya Reta. Muri Reta y’Uburundi ikaba itaramenya namba izokwitaba ivyo biganiro.

JPEG - 42.5 ko
Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu

Mu mugambwe CNDD FDD, mu gihe bari kuri uwu wa mbere mu birori vy’ukwibuka umwaka uheze bashize imbere Petero NKURUNZIZA kugira abe ariwe aserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu, bamenyesheje ko kuganira atari bibi, ariko bakavuga ko batazokwemerera abashaka kuvuguruza abanyagihugu batoye. Pascal NYABENDA, umukuru w’uwo mugambwe yamenyesheje ahubwo ko ivyoganirwa ubu ari ingene amatora yo mu mwaka w’2020 yotunganwa, kuko ayandi yaheze.

« Kugenda kugira ngo tuyage ingene imigambwe izokora, izokorana neza, kugira ngo ivyadushikiye mu 2015 ntibisubire gushika mu 2020, mugabo uwuzoza arondera gukora kuvyo abenegihugu bashikirije, kw’ijambo bapfunditse, mu gushikiriza bati twebwe twipfuza ko ari naka yoturongora muri uru rwego, na naka yoturongora muri ruriya rwego, aho nibaza ko ata n’umwe azobibemerera. »

JPEG - 65.2 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Bitegekanijwe ko ibiganiro bihuza Abarundi bizotangura kw’igenekerezo rya 2 Rusama gushika kurya 6 Rusama 2016, i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, bikaba vyatumweko n’umuhuza Benjamin William Mkaba, akaba ari nawe nyene azoba abihagarariye.


IGIHE

Messages

  • Nimukomre batama mushigikiwe n,Imana nabenegihugu.nibarindi 2020 baze nahonyene tubereke kwatacob batumariye atarukuvugira kuri ya ma radio yabo gusa bashinga yo gusambura igihugu abahngabanya umutekano nabo tuzobirukako n,ibirenge bibashuhane turongowe n,Imana nimwirambire God bless you

  • Nimukomre batama mushigikiwe n,Imana nabenegihugu.nibarindi 2020 baze nahonyene tubereke kwatacob batumariye atarukuvugira kuri ya ma radio yabo gusa bashinga yo gusambura igihugu abahngabanya umutekano nabo tuzobirukako n,ibirenge bibashuhane turongowe n,Imana nimwirambire God bless you

  • Umunwa w’inkoho wonyene niwo ushikana abahanganye ku biganiro, apana kelele tu y’akanwa

  • mutaganiriyenaminani.Ntavyombo.Ahubwokenyerazigumemumarabasirikare muga.Willy komugumamwivyobikotimukanye.Nkinkoyanyagiwe.Uragabe!?

  • Ico nobamenyesha banyakubahwa muze mugende murikwijambo rivuga riti abene b’uburundi badutumye bati akamanda twiherey umubyeyi wacu se barundi ntimukomakome kand kuko batubujuj umudendezo aritwe tugaba barindire 2020 bitabaye ibyo nibasur kubuja bwabazungu.

  • Erega nabonyene barabizi ko amatora yaheze kandi ayandi isango ntarengwa ari 2020 .ntizosubire kwitwaza ngo ntibabimemye baracafise imyaka 4 Yo kwumvisha abanyagihugu bazobatore nimba bafise imigambi itomoye atariyamagaburanyama tugiziminsi tubona muri Cna head.

  • Nimirabire,condakwemerera,nyamitwe,nturyumunwa,,opoze,nayo,isanzamwanya,gwirobatesha,kononu,burundi,kumunwa,gusa,imbogoraburundi,yarakenye,zemwihangamira,,

  • - Qui est « Mr inclusif » qui bloque des negociations aussi accepter par un gouvernment elu?
    - Si Mr inclusif etait burundais avec les profits burundais a negocier les negociations auraient commencer
    - si le gouvernment insiste de ne pas amener a la table Mr inclusif .c’est que ce monsieur aurait un agenda de peut etre contre-carer les contract de mines au nom de la belgique ou USA ou autre chose.
    - USA devrait accepter enlever mr inclusif and mettre toute question importante du burundi a negocier a lieu de donner la valuer aux noms si il ya la verite
    - Le blocage vient des USA pas du gouvernment .Ils savent ce qu’ils font
    - En 1994 au rwanda ,FPR a negocier.stopper,negocier ,stopper jusqua a diviser les rwandais et puis causer le genocide et justifier l’intervation militaire d’uganda
    - au congo ,ils ont jouer la meme chose contre mobutu,
    - en uganda la meme chose contre obote
    En bref mes frere ,l’amerique .rwanda,belgique ne veulent pas de negociation pour le partage.Ils veulent tout et nkurunziza save cela

  • Akokagabo Kakanuy Amaso Nkigiker Kigira Kigongwe Nimodoka

  • banyakwubahwa nkuko mubivuga kuganira nivyiza ariko ntihazehagire uzovuguriza abanyagihugu! ico nigiti kiturirwa, kanatsinda kugirango ayamatoraherutse abe abanyagihugu baraterereye baremeye baratubika uwavubi birazwiko amakungu yanse gutanga amhera yamatora, kubwivyo ntihazehagire abazoshaka kurwiza nubusa akigoro kabanyagihugu kuko ntimwobakira!!!!. abafise ameru yogutwara nibarindire 2020.. hama banyakwubahwa nibabatumira muzemwitabe mubashikirize iryo abenegihugu babatumye......

  • Jean Wirambire Kuntereranoyawe , Bategetsi Beza Bacyu Muragabe Kuko Iryantumwa Yabazungu , Ivyo Yagemuriye Umuhuza Ntabindi Biragaragarira Kuvyo Yahise Igerurira Uburundi ! Murabemagabo , Natwe Inzirayaduhaye Ijambo Twararironse Tugume Turibumbatiye Ntiritwiyake , N’Imana Yaduhaye Umuheto Ugarukira Uburundi Bwahoze Bugeramiwe , Ntituwusubize Bazana Amagi ( Abize ) Zana Amasoro ( Abanyeshule) Guma Bambaaa

  • Jean Wirambire Kuntereranoyawe , Bategetsi Beza Bacyu Muragabe Kuko Iryantumwa Yabazungu , Ivyo Yagemuriye Umuhuza Ntabindi Biragaragarira Kuvyo Yahise Igerurira Uburundi ! Murabemagabo , Natwe Inzirayaduhaye Ijambo Twararironse Tugume Turibumbatiye Ntiritwiyake , N’Imana Yaduhaye Umuheto Ugarukira Uburundi Bwahoze Bugeramiwe , Ntituwusubize Bazana Amagi ( Abize ) Zana Amasoro ( Abanyeshule) Guma Bambaaa

  • Murahumba ishahurwa irira ahubwo nokwemera kwatakizohinduka iyo muvuga muti ntitovyitaba ahoniho narikubemera nahibindivyo nivyabindi Ngo ntawupfa adasanvye ityonigere ryanyuma

  • we.nyamitwe.mukeneyegukwegerabantu.gusa.ntakindi.mwebwemushoboye.rabayamarira.yimiryango.yabuze.azobahumira.birabasha.

  • ONU 2248 ntituzokwigera duhindura ubwo Bulaya buzopfuma butumaratwese abarundi mazehazosigare handikwa ibitabo bivuga ukuntu u Bulaya bwamaririshije abarundi burenze kwiryo tegeko kandi bizobubera Bibi cane.

  • GANIRA,MUTAMA,NABOBASI,KUGIRANGO,UBUTUNGANE,BUZOCE,BURONKA,INZIRA,YUKUBAKURIKIRANA,NAYAHANDI,UKUDADIKA,NIKO,BAGUMA,BATUMARA

  • Uwanse kwumva ntiyanse kubona.

  • Tena abo bicanyi ntibazotumara. naho bica uwobabaza ico baca baronka bovugiki? genda muganire abahunze tugiranire ico bita pact de non agression hama dutegure amatora ya 2020 bashake azoce acungerwa na satellite za USA,BELGIQ,FRANCE..maze tubakubite impaga barorera. wica uwawe ukinovora intuntu

  • Nkurunziza Nibamureke Agumekunte Be

  • Que chacun des concernes sache que l’exaltation de la puissance, du succes, de l’image et l’efficacite au-dessus de la loyaute, de la foi et de l’honetete ne vaut plus rien a nos yeux comme des citoyens burundais! Cette attitude de mentir a des fins politiques n’a plus de sens devant nos yeux et dans nos oreilles! Voulez-vous un Pays de Lois Tyraniques(L.T), de Lois egocentriques(L.E), de Lois Mensongeres(L.M)...? Dites-moi au juste ce qu’est Notre Burundi? Et pourtant le silence semble avoir la parole et avoir dit beaucoup de chose! Moi, j’en ai marre marre marre de ce qui s’y passe!

  • @Eric: ariko ninde wabeshye abarundi ko urwanda rufite inyungo mukajagari kanyu iyo biba byo ntacyari kutubuza mwirirwa mutukana ntanakimwe muzi ari ugusubiramwo ibyo mwabwiwe banza uze kumipa yose (Nemba, kanyaru, rusizi....etc) urebe ibiva murwanda nibigaruka urasanga 2/3 bituruka iwacu na gouverneur wa cibitoke yigeze kubuza abacuruzi banyu kuza murwanda nyuma abarekura ntawubimusabye kuko yabonaga inzara igiye kubica, nabajya gusuma Uganda nitwe tubaha indaro tutibagiwe namafranga Kagame yagurije peter ya contribution ya cinq ans zishize mutaratwishyura arinayo abadepite Bantu bariyo bahembwamo kandi bo ntibanavuga kuko bazi ukuri hanyuma injiji kawe ukirirwa usakuza ngo abanyarwanda sha dufunze mwajya mumasengesho buretse Donald asimbure Obama uzahita ubona ubudasa (pauvre idiot)

  • Nibapfe Kuruta! Petero NKURUNZiZA Inda Yiwe Niseha Uzana Ahubwo Aragakizwa. Mbe Ko Reta Y’uburundi Itinya Ibiganiro Ntibazi Ko Arivyo Vyatanze Amahora Muri 2004 None None batagomba Amahoro Muri2016 Nomuyindimwaka Izokurikira? Eehe! Ha, Kananirabagabo Ntiyimwe.

  • Nibapfe Kuruta! Petero NKURUNZiZA Inda Yiwe Niseha Uzana Ahubwo Aragakizwa. Mbe Ko Reta Y’uburundi Itinya Ibiganiro Ntibazi Ko Arivyo Vyatanze Amahora Muri 2004 None None batagomba Amahoro Muri2016 Nomuyindimwaka Izokurikira? Eehe! Ha, Kananirabagabo Ntiyimwe.

  • We wiyita WAWA, biboneka ko utaronse indero y’abavyeyi, canke warezwe na nyoko gusa ukaba utanazi na so yakuvyaye. Urabona ukugene wifatira mu gahanga Nyamitwe kandi uzi ko anashobora kukubera shobuja nawe ukababa umuboyi wiwe. Za mwisonera, mwandike mukoresheje urupfasoni rwaranze ba Sokuru bacu.

  • UWUMWANGUSHI NYAMITWE ARI KWISONGA RYABATEJE AMAGORWA ABARUNDI,MUGABO AMENYE KO INTARABONA ISYERA IHAHA,UBWO BWIVUGISHA NGO BUBATUMYE UTU NATURIYA,UTWO DUKENEYE ZA 5KG ZUBUCERI,ARIKO ABARUNDI UNYOTWE AMAHORO DUSABA KO HOBA IBIGANIRO BADAKUMIRA ,ATAKWITWAZA NGO UWU NURIYA NTIBATUMIRWE KUBERA NKURUMBI NAKARWI KIWE BABATINYA KUKO NABONYENE BAMAZE INGANDA BATUMIWE.IKINDI NYAMITWE YOMYA NUKO ATARIWE AJEJWE GUTEGURA URUTONDE GWABOJA MUBIGANIRO

  • Jewe murantangaza!, rwamatora ya rarangiye ayahe ? muriremesha rwamatora, ndayita amatora yashetani ya riko aritoza hano muburundi. na yi biganiro muragenda vyanka bikunda.

  • Ndazi igifata aba pay sans ca DD .ni ikinyoma cinyegeje mu gusenga kwa Pirato.mbe azohenda abahutu bato gudhika ryari...karl marx yavuze"la religion est l opium du peuple.azobakenesha abahoze mu bikorane (ikangure reka kuguguta)

  • ntaco mukinezwe amaraso yabantu niyo ajejeta kumaboko yanyu musigaye murabayanga yanga babantu muragowe gihenomu ntimuzokira

  • @Eric: ariko ninde wabeshye abarundi ko urwanda rufite inyungu mukajagari kanyu iyo biba byo ntacyari kutubuza mwirirwa mutukana ntanakimwe muzi kandi ari ugusubiramwo ibyo mwabwiwe banza uze kumipaka yose (Nemba, kanyaru, rusizi....etc) urebe ibiva murwanda nibigaruka urasanga 2/3 yibibatunze nibyo mwambara bituruka iwacu na gouverneur wa cibitoke yigeze kubuza abacuruzi banyu kuza gusuma murwanda nyuma abarekura ntawubimusabye kuko yabonaga inzara igiye kubica, nabajya gusuma Uganda nitwe tubaha indaro tutibagiwe namafranga Kagame yagurije peter ya contribution ya cinq ans muri East Africa Community kugirango mugumemwo none zishize mutaratwishyura arinayo abadepite banyu bariyo bahembwamo kandi bo ntibanavuga kuko bazi ukuri hanyuma injiji kawe ukirirwa usakuza ngo abanyarwanda sha dufunze impika mwajya mumasengesho buretse Donald asimbure Obama uzahita ubona ubudasa (pauvre idiot)

  • TARI ryazina ryawe rirahinduwe nkuko twari twakugabisijye kuva ejo ; ubuwitwa : TARITURKVIAT risobanurwa intumwa ya dayimoni . ntakuntu woba utarintumwa ya rusiferi ngo ushakishe kuronderera se barundi izina rimutyoza ! wewe warerewehe ? apana kuregwa kwa nyokuruwawe , wenyokuru wawe bavuga ko izina ryawe yarijanyeko ikimazi ikuzimu ! ok twubahe abadusumba , aho usanga atanaho urigeza , uwiri muribamwe birirwa bapakurura ama WC bwagoroba ukaja gusenya inzugi

  • TARI ryazina ryawe rirahinduwe nkuko twari twakugabisijye kuva ejo ; ubuwitwa : TARITURKVIAT risobanurwa intumwa ya dayimoni . ntakuntu woba utarintumwa ya rusiferi ngo ushakishe kuronderera se barundi izina rimutyoza ! wewe warerewehe ? apana kuregwa kwa nyokuruwawe , wenyokuru wawe bavuga ko izina ryawe yarijanyeko ikimazi ikuzimu ! ok twubahe abadusumba , aho usanga atanaho urigeza , uwiri muribamwe birirwa bapakurura ama WC bwagoroba ukaja gusenya inzugi

  • leta nya leta ikora ijoro n, umutaga. aho ubutumire bwoshikira hosi ibirimwo bica bimenyekana. bikenewe bikamenyeshwa abarundi. mwebwe ariko muba muriko murategura ubwicanyi.

  • leta nya leta ikora ijoro n, umutaga. aho ubutumire bwoshikira hosi ibirimwo bica bimenyekana. bikenewe bikamenyeshwa abarundi. mwebwe ariko muba muriko murategura ubwicanyi.

  • Ncuti Zuburundi , Natwe Turikumwe Namwe , Twashaka Kubibutsa Ko Umuhuza Wuburundi , Muraraba Ko Atazobabwira Ibyoyagemuriwe Na Yancyuti Yaba Sesa Nkuyoze ( Amercan ) Kuko Tubirebera Kubyo Yahise Agerurira Uburundi , Mwarumvise Ko Atacyiza Kirimo ; Turamaganye Ko Mokwicyarana Nabashaka Kudusubiza Mubuhungiro No Kuducyanishamwo

  • Reka mbabwire abarundi, mugomba kumenya ko nta biganiro byabaho mutokeje igitutu aba dd, community internationale ntakimaze, muhaguruke mufate umuheto naho ubundi muribeshya, impanvu Nyamitwe arafise akanyaro nuko mutarafata umuheto kumugaragaro.

  • Wewe wiyita zoe urikijuju basi mbega ninde yaguhenzeko abatutsi bashoboye gufata umuheto bakinjira ikibira? Ishamba ryariryacu nayo mwebwe imikoma nimugume mukirimbira ngaho murayo ma caritye yanyu ubu umuheto nuwabarundi isinzi icobazokwemeza ntawuzocanka muragowe nimwemere mutwarwe kuko ubu umurundi wumu hutu yabonye ivyabaye 72,88,93 yaraciyubwenge ubu ntawutazi gukora mumbarutso yinkoho harikera muzorukarisha ruzobamwa>>

  • Wewe wiyita Bacemwo, gye sinegenze nkangurira abatutsi navuze abarundi bose kuko ntimuriko murica abatutsi gusa, muriko murica nabahutu nabatwa, bino bizarangira aruko abarundi twese duhagurutse, wewe ukireba nkumuhutu birakuraba urahumye.

  • Abarundi ntiukabe abajinga wanga kuganira ngo dutore umuti utomoye wokazoza k’uburundi bacu, kare kose se Petero ygira amaki avuga ngo ibiganiro bitegerezwa kubera m’uburundi gusa,ngaho nareke kwitaba abagabo nka Mukapa maza ndabe? Perezida wacu nareke ubujuju bwo kugandagura abanyagihugu naba ashaka amahoro akazoza k’abanyagihugu.

  • twetwipfuzako ibiganiro vyoba vuba ahandiho twebwe abarundi ntamahoro dufise ahubwo uwomugabo yanka kuganira nabo badasangiye ivyiyumviro wumva iherezo aririhe burundi bwacu burarushe kotwabizeye

  • twese turi bene burundi nta muhutu nta mututsi! hagire uwunyishura umuhutu ni iki? umututsi we?

  • Nibabe bagenda bukebuke kuko kirimwo abagabo

  • nasomye ivomwanditse mwese nasanze uwavuzukuri ari MUTAMA Willy Nyamitwe abandi n’imfyisi gusa

  • Ntangazwa n uwuvuga ko leta ishobora kwanka ibiganiro bihuza abarundi ariyo ikwiye kubisaba ndetse no kubitunganya mugihe bishoboka.Intumbero yayo nyamukuru yoba iyahe idahuje abanyagihugu?imisarani?abaremeshakiyago barabishoboye.Willy nareke gusukana,ibi biganiro ntivyorindira imanza zitarashingwa ndetse mwibuke Mutma Mandela mugutunganya ibiganiro vyiza nabari mumabohero yabasavye ivyiyumviro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.