IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Yishwe abanje gufatwa ku nguvu n’ugushirwa ivyatsi, amabuye,ivu mu (...)

Yishwe abanje gufatwa ku nguvu n’ugushirwa ivyatsi, amabuye,ivu mu kanwa

lundi 17 Ruheshi 2013

Umugambwe Sahwanya Frodebu uratera ivyatsi ubwicanyi bw’akamaramaza bwakorewe umunywanyi wabo mu ntara ya Kayanza muri komine Gahombo, bagasaba ko abakoze ivyo bomenyekana vuba kandi bagahanwa bimwe vy’akarorero.

Sezariya Ntahomvukiye yarasanzwe ajejwe ivy’ugutunganya indirimbo muri uyo mugambwe mu ntara ya Kayanza. Yagandaguwe avuye mu nama y’umugambwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruheshi uyu mwaka nk’uko bivurwa na Ferederiko Bamvuginyumvira asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu ku rwego rw’igihugu.

Uyo mukenyezi rero ngo yishwe urwa gashinyaguro, kuko ngo yoba yabanje gufatwa ku nguvu, maze abamukoreye ivyo baca bamushira ivyatsi, amabuye, ivu n’ibiti mu kanwa. Icegera c’umukuru w’umugambwe avuga ko ivyo bijanye n’imvo za politike, kuko abanywanyi bari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD baburagizwa muri iyo komine ya Gahombo, ndetse akavuga ko mu minsi iheze umukuru w’umugambwe muri iyo komine, yatewe icupa n’umwe mu rwaruka rw’imbonerakure Imana irakinga ntaco yabaye, nk’uko bibandanya bivurwa na Ferederiko Bamvuginyumvira.

Mu mugambwe Frodebu rero basaba abashinzwe umutekano, intwaro gukora amatohoza kugira iyo ngeso yo kwica abantu ihagarare kandi bagasaba ko abakoze ayo marorerwa bofatwa mu maguru masha, hanyuma uwafashwe nawe ku mvo z’amatohoza akarekurwa ngo kuko atariwe yabikoze nk’uko Bamvuginyumvira abandanya abivuga.

Aheraheza asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edwarudo Nduwimana asanzwe anavuka muri iyo komine ya Gahombo, ko yogerageza agakora ukwo ashoboye akabuza itotezwa bagirirwa muri iyo komine.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.