Accueil > Amakuru > u Burundi > Zebiya Ngendakumana yatanze ikiganiro kubanyamakuru
Zebiya Ngendakumana yatanze ikiganiro kubanyamakuru
mardi 19 Ntwarante 2013
Uwo mukobwa avuga ko abonekerwa na Bikira Maria yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru. Ibibazo vyose yavyishura atakurya umunwa.
Zebiya, ni umwigeme atekereje cane umuravye mu maso. Arivugira ko ata bayoboke agira ngo abaja gusenga i Businde muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza baba bayoborwa na mpwemu nyeranda. Nkuko yabandanije abibwira abamenyeshamakuru ngo wewe ni umukirisu wa ekeleziya katolika kandi ntarota ayivamwo.
Zebiya Ndengakumana avuga ko ababazwa n’ubwicanyi bwabereye i Businde; akamenyesha ko ubwo bwicanyi bwari bwateguwe kuva imbere y’igihe. Aho yagiriza abapolisi ngo babaza aho Zebiya ari bamenye ico bamukoza. Agahakana ko atari abayoboke biwe batanguye imishamirano nabo bapolisi aha amakuru dukura aho i Businde amenyesha ko ari abo bayoboke ba Zebiya batanguye gutera amabuye abajejwe umutekano.
Uwo mwigeme w’imyaka 27 ya mavuka amenyesha abamenyeshamakuru ko abonekerwa n’umugore wa karoruhore aba ahagaze ku mubumbe w’isi aho amubwira gushikana ubutumwa ku bayoboke biwe. Ubwo butumwa ngo abantu bahindure ingendo kandi bareke ivyaha.
Muri ico kiganiro na bamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Zebiya arakarira cane umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edwarudo Nduwimana. Avuga ko nta muntu numwe yisabiye kuba imaratiri; akavuga ko ababajwe nabo bantu bishwe bazira ukwemera kwabo. Aha asaba umukuru w’igihugu nawe yemera Imana ko yafasha abasengera i Businde bakabigira mu mutekana ntangere. Zebiya akavuga ko bazobandanya basenga aho i Businde buri itariki 12 z’ukwezi ngo umutekano wabo basenga aho uri mu maboko ya Leta.
Zebiya aheraheza ico kiganiro nabamenyeshamakuru avuga ko umutekano wiwe ugeramiwe na kagwi ka bantu bashaka kumugandagura. Ubu akaba aba mu gisagara ca Bujumbura aho ngo afashwa n’abagiraneza.
Patrick Wasso
Messages
21 Ntwarante 2013, 05:33, par cara
Muritonde mutazavaho mwikururira umuvumo barundi!murazi ijyene byagenze nyuma yo kwirukana aba patiri kubwabagaza!
21 Ntwarante 2013, 07:08, par Sogorore
Numva ibintu bikomeye pe i Burundi.
21 Ntwarante 2013, 07:08, par Sogorore
Numva ibintu bikomeye pe i Burundi.
23 Ntwarante 2013, 05:07, par dusingizimana gratien
mwitonde mujye mushishoza no mu ntara ya muyinga commune gasorwe umutumba wa masasu arahari bamwita Baransegetera nawe ngo asengera abuntu.
24 Rusama 2013, 10:33, par Ntirampeba Fanuel
Amahoro cane, turasavye umwigeme zebiya koyokurikiza amategeko igihugu kigenderako,ahandiho abariko barapfa bamuhorwa,bitebe bitebuke azovyishura.
30 Rusama 2013, 04:23, par c.o iradukunda
mureke yibereho.
31 Nzero 2015, 03:54, par Emera UHINDUKE
Aho muvukanyi. ese Abarundi tweeeseeee twokumviriza Zebiya, tugakurikiza ivyo UMUVYEYI AMUTUMA, neza uburundi n’abarindi n’abarundi twoca TUKIRA, IBINTU BIgasubira mu buryo, Zebeya mwana w’IMANA, KOMERA ko Gateka Umuvyeyi yaguteye ntuzoteterwa. Aho twarinze duhama YEZU, UMWANA W’IMANA...YARAPFUNZWE, YARAKUBISWE....NDETSE ARAPFA ataco azira. Barundi bene wacu mutumviriza Ivyumuhanuzi ndetse mukamwita umubeshi, ahubwo ni mwe muriko murahendwa, kandi ntibitevye IMPEMBO IRIHAFI. IMANA ITUGIRIRE NEZA TWESE, ITWIYIREKE, TUVUGE RUMWE TWESE NKA ZEBIYA. AMEN
31 Nzero 2015, 04:00, par Emera UHINDUKE
Aho muvukanyi. ese Abarundi tweeeseeee twokumviriza Zebiya, tugakurikiza ivyo UMUVYEYI AMUTUMA, neza uburundi n’abarindi n’abarundi twoca TUKIRA, IBINTU BIgasubira mu buryo, Zebeya mwana w’IMANA, KOMERA ko Gateka Umuvyeyi yaguteye ntuzoteterwa. Aho twarinze duhama YEZU, UMWANA W’IMANA...YARAPFUNZWE, YARAKUBISWE....NDETSE ARAPFA ataco azira. Barundi bene wacu mutumviriza Ivyumuhanuzi ndetse mukamwita umubeshi, ahubwo ni mwe muriko murahendwa, kandi ntibitevye IMPEMBO IRIHAFI. IMANA ITUGIRIRE NEZA TWESE, ITWIYIREKE, TUVUGE RUMWE TWESE NKA ZEBIYA. AMEN
17 Ndamukiza 2015, 21:29, par Syldie
Niyumirakobobareka Kuko Ntamuntuwobuzagusenga.Kanatsindantamudurumbanyobatera.Kimwegusanukobosengamumutekano.Nibamurekebarabe Koyosengera Ikigihugu.Murakoze.
26 Rusama 2015, 05:30, par DON_D
HI ZEBIA IM DON_D MIMI NAONA ZEBIA YUKOSAWAA AENDEYE KAZI ACENIKUMUSUMBUWAA MUTOTOWAMUNGU NA I TAJI KUMU O NA ZEBIA BAI
3 Munyonyo 2015, 23:52, par eric
nashaka mbaze ko zebiya agikoresha ibiteramo canke yahevye