IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Zimwe mu ngegene z’umuvyi zoba zisigaye zishorwa ijoro ziciye mu (...)

Zimwe mu ngegene z’umuvyi zoba zisigaye zishorwa ijoro ziciye mu Kagera

lundi 12 Rusama 2014

N’aho ingingo zibuza ko igiti c’umuvyi gisubira gushorwa mu bihugu duhana imbibe zafashwe, bamwe mu banyagihugu baremeza ko ico giti n’ubu gishorwa mu mpisho mu masaha yo mw’ijoro.

Ubwato burimwo zimwe mu ngegene z’ico giti c’umuvyi, bukaba buca mu ruzi rwa Kagera buvuye mu ntara ya Kirundo muri komine ya Busoni, uwo muvyi nk’uko abo banyagihugu babivuga ugaca ujanwa aho bita ku Rusumo mu gihugu ca Tanzaniya, aho uca ushorwa, Ikiro c’uwo muvyi bikavugwa ko kigurwa amafaranga ibihumbi 28 vy’amarundi.

N’aho bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano ahaca uruzi rwa Kagera babihakana ko ico giti c’umuvyi kitaharengana, bamwe mu banyagihugu bakaba bemeza ko abo nyene aribo bahengekera abashoye ico giti c’umuvyi muri Tanzaniya kigashorwa, amafaranga nayo agaca agaburwa n’abo baba baretse ko ico giti gishorwa. Mwomenya ko hari n’amakuru avuga ko bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano boba barenguka mu butungane i Muyinga, aho baja gusigura uko vyagenze kugira ico giti gishorwe mu bihugu Uburundi buhana imbibe, kandi zimwe mu ngingo zari zarafashwe kugira ico giti ntigisubire kurenga imbibe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Akokagera nagire gacungwa nabajewe umitekano yibihugu bibiri Burundi na Rwanda? Abobacishamwo ivyobiti baharuswa bose mbere naba Tanzania bobababahako? Nivyababitaruko abobatwara ivyobiti bacamuryahumwe abobajejwe umutekano!? Mbehoho abobajejwe umutekano barara mwako kagera basoza amato?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.