Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ikoriciza Haruna: BujaFm itegerezwa gusaba imbabazi imbere y’amasaha (...)
Ikoriciza Haruna: BujaFm itegerezwa gusaba imbabazi imbere y’amasaha 48
lundi 7 Myandagaro 2017
Ikoriciza Haruna, nk’umwe mu bahora bategura ibiteramo bikomakomeye avuga ko mu nteguro y’igiteramo "Dunda na Buja Fm2017" hari abaririmvyi benshi. Muri abo bari ku rutonde hari abatashoboye kuririmba. Nk’umwe mu biyemeje guharanira ihinduka riboneka mu muziki w’Uburundi, avuga ko mu masaha atarenga mirongo ine n’umunani (48h), azoshikiriza ivyo yaneguye.
Haruna avuga ko arindiriye ko uburongozi bwa BujaFm bushikiriza ijambo ryo gusaba ikingongwe ku makosa bakoreye abaririmvyi. Nk’umuririmvyi, Haruna yemeza ko hamwe atacokorwa, inyuma yayo masaha azoca yitura ababijejwe mu ntumbero yo gutuza iyo ngeso.
Naho biri uko, amakuru ava muri Buja Fm yemeza ko igiteramo" Dunda na BujaFm2017" cagenze neza ibice mirongo icenda kw’ijana (90%). Kuri ico, Haruna avuga ko, hamwe Buja Fm yokwishimira ivyakozwe mu giteramo, yokwitegura no kwemanga icatumye ikoresha amazina ya bamwe mu baririmvyi kandi batavyumvikanye. Ivyo abishikiriza ku rwego rw’abaririmvyi bose.

- Haruna IKORICIZA,Umuyobozi wa IKOH Multiservice
Haruna arangiza avuga ko ibimaze iminsi bikorwa mu biteramo bibera mu Burundi bimuha icigwa gikomeye. Ku bw’ivyo, yemerera kuzokosora amakosa yose ariko akorwa n’abategura ivyo biteramo. Yemera ko igiteramo cimirije co kurangiza igice ca kabiri c’umugambi "U’ll Love Changes" kizoba gitandukanye cane n’ibindi.
Cherif Nkeshimana