Arsene MUGENZI akora mu gisata kijejwe isoko y’abanyamitahe amenyeshako umugambi wo gushiraho isoko y’imitahe bizofasha kugira abakeneye imitahe n’ abanyamitahe bahure ata muntu barinze gucako.
Accueil > Ubutunzi
Ubutunzi
-
Arsene Mugenzi : “Isoko y’imitahe izofasha abakeneye imitahe guhura imbonankubone n’ abanyamitahe.”
5 November 2018, by vianney -
Athanase NSABUMWAMI :«Amasuzuma muri poritike y’ubudandaji arafasha kunagura ico gisata »
6 September 2018, by vianneyUmuhanuzi mu bushikirangaji bw’ubudandaji,amahinguriro hamwe n’ingenzi Athanase NSABUMWAMI amenyeshako amasuzuma ategurwa ajanye no kurabira hamwe poritike mu bijanye n’ubutunzi mu gihugu no mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko ,bifasha kugira igihugu kimenye poritike nziza yaco ijanye n’ubudandaji.
-
Ishirahamwe ABEF risaba abanywanyi b’amabanki kuyitura iyo bafise ibibazo
6 September 2018, by vianneyIshirahamwe ry’amabanki n’ibigega vyo kuziganya no kuguranana ABEF(Association de Banques et Etablissements Financiers) risaba abanywanyi b’amabanki kwama begera amabanki iyo bafise akababakiye kugira bashikirize ivyipfuzo vyabo.
-
Jean Berchimas NIYONZIMA : «Ibidandazwa biragurishwa ariko nta mpapuro zivyerekana zitangwa.»
20 July 2018, by vianneyUmuyobozi ajejwe amatagisi yo hagati mu gihugu mu kigo OBR,Jean Berchimas NIYONZIMA amenyeshako umudandaza afashwe adandaje ibidandazwa ntatange urupapuro rwerekana ivyo yadandaje n’amafaranga yabidandaje ko bita « Facture » acibwa ihadabu ingana na 20 kw’ijana y’amafaranga ibidandazwa biba vyadandajwe.
-
OTB ivuga ko amafaranga yinjije mu mwaka wa 2017 yiyongeyeko imiriyaridi 10
2 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANAIshirahamwe rijejwe kurima n’uguhingura icayi mu Burundi OTB (Office du Thé du Burundi) rimenyesha ko amafaranga ryinjije mu mwaka wa 2017 ugereranije n’umwaka wa 2016 yiyongeyeko imiriyaridi 10 y’amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni 5 z’amadorare y’abanyamerika.
-
Amabanki asabwa gushiraho amategeko yerekana neza ivyo afasha abanywanyi bayo
7 novembre 2017Umuyobozi ajejwe gukurikirana uko amabanki akora mw’Ibanki Nkuru y’igihugu BRB amenyesha ko itegeko rishasha rigenga amabanki ryateguwe hisunzwe akarusho umunyagihugu muto muto azorikuramwo.
-
"Itegeko rishasha rigenga amabanki rizoterera mw’iterambere ry’igihugu" - BRB
7 novembre 2017Icegera ca kabiri c’umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu BRB Annonciate NSENDAZIRASA amenyesha ko mu gihe amakuru ku bijanye n’ubutunzi atanzwe nabi bigira ingaruka mbi ku gihugu no k’ubutunzi bwaco.
-
CEA : Ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi ntibwiyongeye k’urugero rushimishije.
13 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANAMu nama yahuje abajejwe igisata kijejwe ivy’ubutunzi muri Afrika (CEA) hamwe n’abasanzwe bakorera mu gisata c’ubutunzi kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017 bamenyesheje ko ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwagabanutse gushika ku bice 3,9 kw’ijana mu mwaka w’i 2015, mu gihe ubwo butunzi bwari kuduga gushika ku bice 2 kw’ijana mu mwaka wa 2017, nkuko ibiharuro mfatakibanza vy’igihigu vyavyerekana.
-
Abafise imiduga mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga barihishwa
27 Ruheshi 2017Abahagarika imodoka mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga batozwa y’aho bahagaritse imodoka mu gisaga, bagasaba kandi kumenya uko ibice bine vyagabuwe mu gisagara ca Bujumbura bitunganijwe.
-
Ikigo OBR kimenyesha ko umwimbu wiyongereye mu kwezi kwa Rusama
3 Ruheshi 2017Ikigo OBR kijejwe gutoza amakori n’amatagisi kimenyeshako amafaranga yegeranijwe mu kwezi kwa Rusama umwaka wa 2017 ashika ku miriyaridi 54 n’ibice 40 z’amafaranga y’amarundi, akaba yiyongereyeko ibice 4,3 kw’ijana ku mafaranga yari ategekanijwe.