Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CEA : Ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi ntibwiyongeye k’urugero rushimishije. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > CEA : Ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi ntibwiyongeye k’urugero rushimishije.

CEA : Ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi ntibwiyongeye k’urugero rushimishije.

jeudi 13 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Icatumye ubutunzi bw’igihugu budatera imbere, Andrew Mold asanzwe arongoye vy’imfatakibanza ibiro vy’urwego rujejwe ivy’ubutunzi muri Afirika mu karere ko mu bihugu biherereye mu buseruko, asigura ko ubutunzi bw’igihgugu c’Uburundi butanagutse kuko kenshi ubutunzi bw’igihugu bushingiye ku gisata c’uburimyi naho umwimbu uva muri ico gisata ukaba waragabanutse ku bice 28 kw’ijana kuva mu mwaka w’1982, kandi abantu baguma biyongera.

Andrew Mold avuga ko ibisata bijanye n’ingenzi, ubudandaji hamwe n’amahinguriro bitatejwe imbere kandi biri mu vyotuma ubutunzi bunaguka aho mu mwaka wa 2015 ivyo bisata vyasubiye inyuma kubera indyane zari mu gihugu, bituma igihugu kihahombera vyinshi.

Andrew Mold yashikirije icegeranyo c’uko ubutunzi bw’igihugu cifashe yavuze ko mu myaka 10 imbere y’umwaka wa 2015 naho ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwari musi y’ibindi bihugu bisangiye akarere, umwimbu wagenze neza gushika ku bce 4,5 kw’ijana, aho ibikorwa bijanye n’imibano, amagara y’abantu hamwe n’indero vyagenze neza, ariko mu mwaka wa 2015 ibintu vyagiye bisubira inyuma.

Andrew Mold arongoye CEA muri afrika y’Ubuseruko avuga ko Uburundi bufise imihora myinshi yotuma igihugu kinagura ubutunzi bwaco ,agafatira ku muhora wo mu kiyaga ca Tanganyika uhuza Uburundi n’ibihugu vya Tanzaniya, Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe n’igihugu ca Zambiya hamwe n’amasoko rusangi yo mu burere Uburundi buherereyemwo vyotuma igihugu kihungukira.

Mwomenya ko icegeranyo cerekana uko ubutunzi bw’igihugu bwifashe gifasha kugira Reta n’amashirahamwe bifashanye mu kunagura ubutunzi bw’igihugu, ubu hakaba hamaze gusohoka ivyegeranyo vy’ibihugu 43 vyo muri Afrika bihurikiye muri CEA , ariko umushikiranganji Serge NDAYIRAGIJE ajejwe imigambi ya Reta y’Uburundi n’intwaro ibereye yari yitavye iyo nama, akaba yamenyesheje ko ico cegeranyo cakozwe na CEA gifatiye ku biharuro bitarivyo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.