IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abafise imiduga mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga (...)

Abafise imiduga mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga barihishwa

mardi 27 Ruheshi 2017

Inyuma y’ingingo y’igisagara ca Bujumbura yo gutangura kurihisha amafaranga ahahagaritswe imodoka mu gisagara ca Bujumbura bamwe mu bafise imodoka bavuga ko bataratahura ingene iyo ngingo iriko ishirwa mu ngiro.

Kw’ibarabara ryitiriwe Amitié ,Umukenyezi ahejeje kurihishwa amafaranga 300 y’aho ahagaritse imodoka yerekanye amakenga afise kuri iyo ngingo,avuga ko asanzwe ariha ikori none adatahura ayo mafaranga nayo ico akora, mu gihe asanzwe ari mu bukene.

«Ego ndarishe, kandi sinovuguruza ingingo ya Reta, ariko sintahura ingene ndiha aha kandi nkariha n’ikori, hanyuma nduze muri quartier ya Rohero nsubire ndihe kandi. None hoho ko ngiye aho mara iminota irenga 30 ni nde aca araba imodoka yanje kugira ntigire ikibazo

Ku rundi ruhande, abunguruza abantu bakoresheje imodoka zito zito (Taxis), bavuga ko babimenyereye kuko haheze iminsi itari mike batanguye kuriha mu gisagara ca Bujumbura.

Yavuze ko bariha 15000 vy’amarundi ku kwezi ku kwezi,ariko ko nabo nyene gushika ubu batarabona neza ico ayo mafaranga akora.

Mwomenya ko mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura uwuhahagaritse imodoka ariha amafaranga 300 kw’isaha,mu gihe uwushatse kuriha ku umunsi wose ariha 2000 vy’amarundi.

Mu gisata kijejwe gutoza amafaranga mu gisagara ca Bujumbura, twabarondeye kugira bagire ico bashikirije ku bijanye n’amakenga y’abarihishwa ku bibanza bahagaritsemwo imodoka, ariko ntitwashoboye kubaronka. Tubandanya kubarondera.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.