IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OTB ivuga ko amafaranga yinjije mu mwaka wa 2017 yiyongeyeko imiriyaridi (...)

OTB ivuga ko amafaranga yinjije mu mwaka wa 2017 yiyongeyeko imiriyaridi 10

lundi 2 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro ku bamenyeshamkuru ariko ashikiriza ivyaranguwe n’iryo shirahmwe, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OTB Jacques BIGIRIMANA yamenyesheje ko uwu mwaka binjije amafaranga angana imiriyaridi 47.664.748.654 z’amafaranga y’amarundi angana n’amadorare imiriyoni 26.830.321 yavuye mu mwimbu w’amababi angana itoni zababa 50.

Jacques BIGIRIMANA yavuze ko amatoni angana ibihumbi 9.706 y’icayi cadandajwe mu mwaka wa 2017 yavuye mu mababi ibihumbi 44.987 yimbuwe muri uwo mwaka, muriyo, itoni ibihumbi 31.392 vy’amababi y’icayi yavuye mu banyagihugu bafashwa na OTB, nayo itoni ibihumbi 13.595 ziva mu mirima bwite y’iryo shirahamwe.

Ibindi vyashoboye kurangurwa n’ishirahamwe OTB mu mwaka wa 2017 hariho imiriyaridi 7.847.929.500 z’amafaranga y’amarundi yahawe imiryango ingana 60 bivuye ku nyungu yiyongeyeko, urwaruka ibihumbi 12 rwaronkejwe akazi mu gihe c’isoroma ry’icayi hamwe n’imiriyoni 241.403.354 y’amafaranga y’amarundi yahawe amakomine iryo shirahamwe risanzwe rikoreramwo.

Ishirahamwe OTB rivuga ko mu mwaka wa 2017 ryashikanye umuyagankuba mu bice vy’aho rikorera i Teza, barubatse gushasha site Monoka RUHORORO irimwo inyubako zigezweho hamwe n’inyubako yubatswe ku cicero gikuru ca OTB.

Jacques BIGIRIMANA arongoye OTB yavuze ko uno mwaka wa 2018 bagiye gukora neza gusumba kuko bamaze kuronka hafi itoni 16 z’amababi y’icayi, muriyo hakaba havuyemwo ibihumbi 3.266 y’icayi yadandajwe imiriyaridi 13.857.569.367 y’amafaranga y’amarundi mu mezi 3 aheze y’uwu mwaka wa 2018.

Bimwe mu bigiye kurangurwa n’iryo shirahamwe muri uwu mwaka wa 2018, hariho inyubako izokubakwa kw’ibarabara rya Rumonge (RN3) izoba irimwo ibintu nkenerwa kuri Reta n’abanyagihugu, nk’uburaro n’ahakorerwa imanza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.