IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Imico kama ni inkingi y’iterambere

Imico kama ni inkingi y’iterambere

vendredi 23 Munyonyo 2012

Ubushikiranganji bw’imico kama bufadikanije n’ikigo ca UNESCO mu Burundi bwaratunganije inama n’abamenyeshamakuru kugira barabire hamwe ingene imico kama yofasha mw’iterambere.

Josephine Ntahondi ajejwe igisata c’imigambi muri UNESCO yamenyesheje ko amaradiyo n’ibimenyeshamakuru bifise uruhara ntangere mu kwerekana ingene imico kama n’utugenegene vyofasha mw’iterambere ry’igihugu. Kuri we, ngo amaradiyo n’ibimenyeshamakuru ntivyari bikwiye kwitaho gusa ivya politike, ubutunzi n’imibano gusa.
Umunyamabanga mu bushikiranganji bw’imico kama nawe yemeje ko iyo nama ije hageze kuko amaradiyo afise uruhara ntangere mmw’iterambere. Ati hamwe rero n’igisata c’imico kama cokwitabwaho ngo yoba ari amavuta avyaye amasoro kuko ngo abanyagihugu barizera cane ibivuzwe mw’iradiyo canke vyanditswe mu bimenyeshamakuru.

Yasavye abamenyeshamakuru n’abarongoye amaradiyo guha ikibanza kibereye mu biganiro igisata c’imico kama kugira n’abagwizatunga bazane imitahe muri ico gisata kuko boba bazi indirimbo,utugenegene, intambo n’ibindi biranga u Burundi bwaho hambere.

Abahinga nka Domitien Nizigiyimana yigisha muri Kaminuza,Emmanuel Ngendanzi atwara iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu n’abandi barerekanye neza ko ata gihugu gishobora gutera imbere akaranga n’imico bititaweho. Kandi ngo amaradiyo n’ibimenyeshamakuru bifise uruhara rukomeye murico gikorwa co kumenyekanisha akaranga.

Na Leonce Ngabo umuririmvyi wa kera kandi arongoye ishirahamwe ryatanguje ivyerekeye i sinema canke ireresi mu Burundi yarabigarutseko ko akaranga, imico n’imigenzo y’i kirundi bikwiye gufata ikibanza gihambaye mu makuru y’amaradiyo n’ibimenyeshamakuru.


Iwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.