IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umukobwa yokwanka uko uri akagukundira ivyawe

Umukobwa yokwanka uko uri akagukundira ivyawe

mardi 27 Munyonyo 2012

Umusore yasavye umukobwa ko bokundana bakubakana, umukobwa aramwishura ati ’’Umve wa musore we, nukuri uri mubi jewe ntivyoshoboka ko dukundana nawe, koba ari akagaye’’.

Umukobwa aca aramubaza ati ‘’Mbega harya wewe ufise inzu zingahe?
Umusore ati oya nukuri nta na kazu na kamwe kangana n’akazu ka sugwumwe mfise!

Umwigeme amubaza ikindi kibazo ati ’’Ufise imodoka Mercedes Benz zingahe’’? Umusore nawe ati oya nta n’imwe mfise! Amubaza ikibazo kindi ati ‘’Uba mu gisagara ca bujumbura canke? Umusore arishura ati oya namba, jewe mba ahandi!

Umukobwa arasubira aramubazi ati nawenu ngira ngo ufise amafaranga y’amarundi menshi basi? Umusore ati aho wambarije nawe, jewe ivyo singira nakimwe, ndakurahiye.

Umukobwa ati Yesu akundinde nta n’ukugutwengera na gatoya. Yongerako amurabira hasi n’akagaye kenshi amubwira ati uwombona turikumwe nawe noba niteje isoni.

umusore ati nkundira basi ndakubwire ikintu kimwe uce wigira, jewe nta nzu n’imwe nfise ariko kenshi jewe mba ndi mu mahoteli kubera akazi nkora gatuma ntembera mu bihugu vyinshi, singendera muri Mercedes Benz ariko ngendera muri LIMOUSINE , I Bujumbura hoho ndahashika gake mba i LONDRES, amafranga y’amarundi ndayaronka mvunjishije ama Euros canke ama dollars.

Umwigeme ati: ‘’Chrie numva ndagukunda cane, kandi nta muntu n’umwe nigeze gukunda nka wewe. Igira hino ndaguhe aka bizou. None twogira mariage ryari?

Umusore ati nanje umbabarire nukuri ndakwanse, nta muntu n’umwe nigeze kumva nanse nka wewe. Si jewe wakunze kuko nsa nabi, wakunze ivyo mfise……genga naho tuzohura ntuzondamutse’’.


Sengurebe joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.