Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba "stars" 8 b’imibano mibi atari abo gutumira mu rubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Aba "stars" 8 b’imibano mibi atari abo gutumira mu rubanza

Aba "stars" 8 b’imibano mibi atari abo gutumira mu rubanza

jeudi 17 Gitugutu 2013

Rimwe na rimwe haraba iminsi mikuru hagati y’abanyeshuri mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi. Muri iyo minsi mikuru rero kenshi haba harimwo ukwirekura hagati y’abigana bamenyeranye, hashobora no kubamwo abatumire. Ariko muri Leta Zunzubumwe z’Amerika hoho hari urutonde rw’aba “stars” atari abo gutumira mu rubanza kuko bashobora kurutoba.

Harakozwe urutonde rw’abakinyi b’amareresi n’abaririmvyi atari abo gutumira mu rubanza iyo umuntu adashaka ko rugenda nabi. Urwo rutonde rwakozwe hafatiwe ku kuntu abo bantu bazwi cane (aba “stars”) bigenza mu buzima bwabo bwa minsi yose. Abo bari kuri urwo rutonde ni aba bakurikira:

1. Miley Cyrus

Miley Cyrus azwi nabi mu mico yiwe. Ni umwigeme ashobora guta impuzu mu bantu. Biravurwako ashobora no kumara ijoro ryose ari uko zamuremye, yambaye ubusa.

2. Justin Bieber

Justin bamufata nkuko yoba ari Miley Cyrus w’umuhungu yigendera. Justin Bieber ashobora kuja mu rubanza maze akamara ijoro ryose y’iraba mu cirore. Abashakashatsi bobo bivugirako Justin ari akarorero keza bokwerekeranirako umuntu afise indwara y’ugukunda cane birenze uko asa. Indwara bita “narcissisme”.

3. Tom Cruise

Uyu ni rurangiranwa mu gukina amareresi w’umunyamerika. Ni umuntu atazi kwihanganira urukanywa mu rubanza. Mu rubanza harimwo utuyoga turimwo umwambiro, n’imboneka rimwe ko haba uwumusumvya gutaha yaborewe, yacitse itabi.

4. Gwyneth Paltrow

Uyo mwigeme akina amareresi ni umuntu afungura ibintu vy’imboga n’ivyamwa gusa. Ni umuntu akunda birenze ukuvuga ibijanye n’ubuzima bwiza umuntu atarya inyama agira. Ndetse akunda no kuvuga icitwa Yoga. Ukumutumira mu rubanza rero akaba ari nk’ukwikwegera kuko aguma abwira abaraho ibijanye n’ivyo akunda.

5. Chris Brown

Uyu musore w’umuririmvyi ni umuntu akaza ishavu cane. Ni umuntu ashobora gushwanira ababanyi biwe bamusavye kugabanya urwamo rw’umuziki ariko aravuza i we. Kandi, ni wa muntu ashobora kukuryagumba muhuye ugaheza ukamuraba mu maso akanya gato.

6. Nabilla

Nabilla ni “ntabanga”. Bose bakoranye mu rubanza arashobora kwaduka akavuga ibintu vyibiterasoni bitavurwa mu bantu. Na cane cane ntihabe ari mu rubanza, ukuvuga ibiterasoni ntabigera umutwe.

7. Kristen Stewart

Uyu naho ari umukobwa, ni umuntu akubagana cane. Uwushaka kwitera ingorane amutumira mu rubanza.

8. Rihanna

Rihanna arakenewe mu manza kugira aririmbe ariko, ukumutumira nukuba witeguye ivyo umuha anywe ngo ahimbe. Na cane cane inzoga, kuko anywa inzoga nyinshi.


INGABIRE Luc-Noel

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.