Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu baba mu duce twa Isale, Mpanda na Rumonge, bagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Abantu baba mu duce twa Isale, Mpanda na Rumonge, bagabishijwe

Abantu baba mu duce twa Isale, Mpanda na Rumonge, bagabishijwe

lundi 23 Ruheshi 2014

Ikiza ca korera casubiriye kwiha inkumbi mu duce twa Isale, Mpanda na Rumonge. Abantu baharurwa kuri 46 akaba aribo bamaze gufatwa n’ico kiza na batatu cahitanywe.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwaraye bugabishije abantu ko ikiza ca korera casubiriye kwiha inkumbi, kugira bicungere. Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Sabina Ntakarutimana, abantu babatu nibo bamaze guhitanwa n’ikiza ca korera kimaze gufata abagera kuri 46 bo mu duce twa Isale, ku Mpanda mu ntara ya Bubanza hamwe no mu Rumonge amaja mu Bumanuko.

Gushika ubu, ibigo bibiri vyo mu Rukaramu n’i Gihanga biri mu Burengero bw’igihugu, akaba ariba arivyo bimaze kwugururwa kugira bifashe abamaze gufatwa n’ico kiza korera. Umushikiranganji Sabina Ntakarutimana agasaba abanyagihugu, na cane cane abari ahamaze gufatwa n’ikiza korera, ko bofata ingingo zo kwikingira muri rusangi no mu mihana babayemwo. Bimwe muvyo basabwe gukora harimwo, gukaraba mu ntoke n’isabuni imbere yo gufungura, n’inyuma yo kuva mu tuzu twa sugumwe, gukaraba imbere yo kwonsa umwana ku bakenyezi, gukaraba imbere yo gutegura ibifungurwa n’ inyuma yo gutegura umwana yigizeko umwanda. Basabwe kandi kuza barafungura imfungurwa zihiye neza, kuza barazifundikira, kunywa amazi meza no kwihutira kuja kwa muganga igihe boba babonye ibimenyetso bidahumuriza.

Mwomenya ko muri uri utwo duce tumaze kwanduramwo ikiza korera, hafashwe ingingo yo kuba barahagaritse urudandazwa rwo mw’ibarabara rw’imfungura zitetse gushika ico kiza gituzwe. Abafungura indya zidatetse nabo bakaba bagabishijwe, bagasabwa kandi no kuza barakoresha neza utuzu twa surwumwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.