Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi 3 mu gice ca nyuma c’ihiganwa PRIMUSIC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abaririmvyi 3 mu gice ca nyuma c’ihiganwa PRIMUSIC

Abaririmvyi 3 mu gice ca nyuma c’ihiganwa PRIMUSIC

jeudi 13 Kigarama 2012

Abaririmvyi,Rallye Joe , Samanta na Matabaro nibo bagiye guhiganwa mugice canyuma c’ihaganwa Primusic

Rallye Joe Nibizi, Samanta hamwe na Patient Matabaro nibo bagomwe mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’ihiganwa ry’abaririmvyi b’u Burundi ryateguwe n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI mu kumenyekanisha ikiyeri Primus kugira bazohiganwe mugice ca nyuma c’iryo higanwa.

Abo uko ari batatu bose baserukiye umurwa mukuru w’igihugu Mairie ya Bujumbura mugihe bari munani baserukiye iyo ntara . Izindi ntara nazo zose zari zaserukiwe n’abaririmvyi batatu batatu ku ntara.

Abo baririmvyi bose bakoreshan amajwi yabo mukuririmba ata bicurarangisho birimwo . Abakunzi b’umuziki benshi ngo baribiteze ko muri iryo higanwa hajamwo abacuraranzi batazwi canke batamenyereye amahiganwa ariko ngo vyarabatangaje hoba haragiyemwo bamwe bamwe bazi nka Christian ariwe kiki Touré uyo nawe yaserukiye u Burrundi mwihiganwa Tusker mu gihugu ca Kenya yakuriwemwo mugice ca kabiri gishira icanyuma uwundi nawe nyene yarazwi kuko yaserukiye u Burundi muri tusker ,uwutokwibagirwa ni Rallye Joe mbere binugwanugwa ko avyifatamwo neza gusumba abandi.

Ku wa mungu rero abo batatu niho bazohigairwa ikibanza ca mbere uwuzogitahukana azohabwa imiriyoni cumi z’amafaranga y’amarundi, uwakabiri ahabwe zitanu mugihe uwagatatu azotahukana imiriyoni zibiri n’igice .

Abo bose bazoca basohorerwa n’imiziki k’ubuntu muri Tanganyika Studio. Iryo higanwa ryatangujwe ku wa cumi na gatatu Nyakanga rizorangira ku wa cumi na gatandatu kigarama,ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI rikemeza ko rigiye kuza riratunganya amahiganwa nk’ayo kandi rigiye rirashiramwo uburyo bukwiye.


Rayond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.