Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi bose bo muri Afrika basabwa kwitaba ihiganwa "Kora Awards", (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abaririmvyi bose bo muri Afrika basabwa kwitaba ihiganwa "Kora Awards", (...)

Abaririmvyi bose bo muri Afrika basabwa kwitaba ihiganwa "Kora Awards", raba ibisabwa

samedi 2 Myandagaro 2014

Ihiganwa rihuza abaririmvyi bose bo k’umugabane w’Afrika " Kora Awards" rihamagarira abaririmvyi bose bo muri Afrika canke baba mu makungu kwiyandikisha guhiganwa ku ncuro ya 13 y’ihiganwa.

Itangazo ryasohowe n’abarongozi b’ihiganwa ry’abaririmvyi bo muri Afrika canke bo muri Afrika baba mu yindi mihingo yo kw’isi, rihamagara abaririmvyi bose bavyipfuza kwiyandikisha mw’ihiganwa ryo ku ncuro ya 13 rizoba mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’i 2014.

Abaririmvyi bashaka guhiganwa basabwa gutanga ibi bikwirikira imbere y’igenekerezo rya 20 Myandagaro:

1) amafoto abiri ya vuba ameze nk’arya bakoresha kw’ikarata karangamuntu,

2) gutanga isanamu canke amasanamu ( copi(es) de Video) ushaka gushira mw’ihiganwa iri canke ziri ( video) mu rukwirikirane rwasohotse mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 30 Nzero umwaka 2013 gushika igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka w’i 2014.

3) Umwidondoro uvuga ico uri canke wabaye, ivyo umaze gukora (Biographie). Uwo mwidondoro ushobora gutangwa mu rurimi rw’igifaransa, icongereza canke igiportugali.

4) Urwandiko rurekurira abategura ihiganwa gukoresha umwidondoro, amafoto, amasanamu (video) ku murongo wa "Kora Awards" no kuyindi mihora nka "Facebook, Twitter, na You Tube) aho Kora Awards itangariza amakuru yaryo.

Umuririmvyi ashaka guhiganwa ashobora kurungika ivyo duhejeje kubabwira k’umurongo ukwirikira: info@koraawards.org

Tubibutse ko ihiganwa Kora Awards ryavutse mu mwaka w’i 1994 ku ciyumviro ca Coovi Adjovi avuka mu gihugu ca Benin. Abaririmvyi ba mbere bahawe ubushimwe mu mwaka w’i 1996, mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’Epfo.

Amahiganwa amaze kuba uku gukwirikira:

Umwaka: Aho Kora Awards yabereye:

2012 ABIDJAN CÖTE D’IVOIRE

2010 OUAGADOUGOU BURKINA FASO

2005 DURBAN AFRIQUE DU SUD

2004 SANDTON AFRIQUE DU SUD

2003 SANDTON AFRIQUE DU SUD

2002 SUN CITY AFRIQUE DU SUD

2001 SUN CITY AFRIQUE DU SUD

2000 SUN CITY AFRIQUE DU SUD

1999 SUN CITY AFRIQUE DU SUD

1998 SUN CITY AFRIQUE DU SUD

1997 SUN CITY AFRIQUE DU SUD

1996 JOHANNESBURG AFRIQUE DU SUD


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.