Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwariye mu kigo CNPK 30 barihiwe amafaranga y’ibitaro na Kazoza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abarwariye mu kigo CNPK 30 barihiwe amafaranga y’ibitaro na Kazoza (...)

Abarwariye mu kigo CNPK 30 barihiwe amafaranga y’ibitaro na Kazoza Finance

mercredi 18 Kigarama 2013

Ikigo kiraba abarwayi bo mu mutwe CNPK ( Centre Neuropsychiatrique de Kamenge) caraye kironkejwe imfashanyo y’amafaranga agera ku miriyoni cumi y’amarundi n’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana “Kazoza Finance”.

Mu kwifatanya n’abafise ingorane zo mu mutwe bo mu kigo CNPK, kuri uyu wa kabiri wa 17 Kigarama 2013, ishirahamwe Kazoza Finance ryaratanze imyashanyo y’amafaranga, mu guterera abarwayi bagera kuri 30 batari bafise ukungene basohoka ibitaro vy’ico kigo. Frere Hypolyte Manirakiza, umuyobozi w’ikigo CNPK yamenyesheje ko ari umunezero ntangere, na cane cane kuri abo barwayi 30 bagiye gusubira mu miryango yabo. Amahera atanzwe n’ishirahamwe Kazoza Finance, akazofasha kandi kuri abo barwayi, kuronka imiti bazobandanya bafata n’inyuma yo gusohoka ibitaro CNPK.

Inyuma y’iyo mfafashanyo igera ku miriyoni cumi y’amafaranga y’amarundi, ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance ryatanaze n’ibahasha y’amafaranga kuri abo barwayi yo kuzoshobora kwiyunguruza mu gihe basubiye mu miryango yabo. Mwomenya ko n’ikigo CNPK cemeye gutanga igice c’ayo mafaranga kuri abo barwayi 30 bagiye gusohoka ibitaro vy’ikigo CNPK co mu Kamenge.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.