IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Abategetsi batanguye kwambara impuzu y’igiti: Amafoto

Abategetsi batanguye kwambara impuzu y’igiti: Amafoto

samedi 22 Munyonyo 2014

Impuzu y’igiti yahora ikorwa ikanambwarwa n’abasogokuru iriko iranagurwa, abategetsi bamwe bamwe batanguye kuyambaye. Ico gikorwa co kugarukira akaranga gikezwa umwigeme Kabatesi Anick.

JPEG - 72.7 ko
Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya

Umuzo w’abakoroni mu Burundi warahungabanije ibintu ndangakaranga kama k’Uburundi. Muri ivyo harimwo impuzu y’igiti yakorwa mu biti vy’umumanda, umuhororo n’umuvuvumu. Inyuma y’imyaka myinshi iyo mpuzu yaribagiwe, yasubiye kunagurwa. Inagurwa ry’impuzu y’igiti ryatangujwe n’umwigeme Anick KABATESI, kandi iyo mpuzu iratanguye kubonekamwo akamaro cane cane mu maso y’amakungu.

JPEG - 23.3 ko
Anick Kabatesi "Murundikazi"

Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama yari yambaye ikoti ikozwe mu giti igihe yashikiriza ibendera ry’igihugu umurwi nserukiragihugu w’abatimbo. Uwo murwi ugizwe n’abatimbo 14 hamwe n’abakobwa 7 batamba. Uwo mushikiranganji yajanye n’uwo murwi aho bari bitavye ibirori vyo kwandikisha ingoma z’Uburundi ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi kama, nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe UNESCO. Nta kindi gihugu co kw’isi kizosubira kwitirirwa ingoma atari Uburundi.

Kubona umushikiranganji Adolphe Rukenkanya yambaye iyo mpuzu y’igiti, vyerekana ko izo mpuzu zifise ico zisigura mu maso y’amakungu narirya yari yitavye ibirori bijanye n’ivyakaranga kama k’ibihugu.

Ayandi mafoto:

JPEG - 23.3 ko
Anick Kabatesi "Murundikazi"

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.