Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amadorari menshi yemerewe Diamond niyaheba umukunzi wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amadorari menshi yemerewe Diamond niyaheba umukunzi wiwe

Amadorari menshi yemerewe Diamond niyaheba umukunzi wiwe

jeudi 8 Nzero 2015

Umuririmvyi aturuka mu gihugu ca Tanzaniya, Diamond yasabwe guheba umugore bari bamaze igihe bagendana vyongeye akazohabwa n’amahera angana n’amadorari ibihumbi 40

Haraciye igihe kitari gito, umuririmvyi Diamond ari mu rukundo n’umugore yitwa Zari afise abana batatu aturuka mu gihugu ca Uganda. Mugabo urwo rukundo rwabo ntirubonwa neza na se w’abo w’abana ba zari, King Lawrence, nk’uko amakuru ava muri Uganda abivuga. Uwo mugabo nawe, yahora akundana n’umuririmvyikazi Juliane Kanyomozi wo mu gihugu nyene ca Uganda, akavuga ko asavye umuririmvyi Diamond guheba Zari kugira arere abana biwe hama ko azomuha amahera angana n’amadorari ibihumbi 40. Arongera akavuga ko ubu Zari yirirwa inyuma ya Diamond bazuguruka hirya no hino muri Afrika akibagira kurera abana biwe.

Uwo mugabo yarongeye afata amafoto ari kumwe n’umuhungu wa Zari ayashira ku rubuga rwa Facebook, mbere aravuga ko nyina yataye umwana wiwe ku musi w’isabukuru yiwe ngo ariko yirirwa arazunguruka hirya no hino muri Afrika. Ivyo bikaba vyatumyeZzari ashavura mbere batangura guterana amajambo ku rubuga rwa facebook, aho uwo mugore yanditse avuga ko uwari atwaye umwana wiwe ari umushoferi, akazi kiwe atari kufata amafoto mugabo ari gutwara umwana wiwe kw’ishuri.

Imishamirano hagati ya Zari na se w’abo w’abana biwe babicishije ku rubuga rwa facebook ntivyagarukiye aho kubera Lawrence yaciye amushiramwo na Diamond aho yanditse amusaba ko yoheba Zari hama akamuha amahera angana n’amadorari ibihumbi 40.

Tubibutse ko Diamond yahora akundanye na Wema Sepetu,umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzania imbere yo gufatana na Zari.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.