Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura:Igiteramo c’indirimbo z’Imana muri Lycée de la Solidarité - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Bujumbura:Igiteramo c’indirimbo z’Imana muri Lycée de la Solidarité

Bujumbura:Igiteramo c’indirimbo z’Imana muri Lycée de la Solidarité

mardi 18 Kigarama 2012

Kuri uyu wa mbere itariki ya 17 kigarama 2012, Groupe Biblique yo mw̒ishuri ryisumbuye rya Solidarité iri mu Ngagara Quartier 3, yari yateguye igiteramo mu ntumbero yo gushimira Imana kuvyo yakoze muri uno mwaka tugomba turangize.

Groupe Biblique yo muri Lycee de la Solidarité igizwe n’urunani rw’amashengero rukristo yari yateguye igiteramo co gushimira Imana kuri uno wa mbere igenekerezo rya 17 kigarama mu kigo c’iryo shuri icivugo kikaba cari: ‘’Ni agasaga 2012, kaze 2013’’.

Uravye muri rusangi ico giteramo cari citabwe n’abantu benshi, cane cane abanyeshuri bo kuri iryo shuri eka mbere n’abavuye mu mpande zitari nke z’igisagara ca Bujumbura, kubera ko ico giteramo cari ico guhimbaza Imana hari hatumiwe imirwi y’abaririmvyi itandukanye, twovuga nka Born for Truth iririmba mu mudiho wa Hip Hop bo bita ngo ni ‘’Hip Hop for Christ’’ ukaba ugizwe n’abasore batandatu ikaba yarakanguye cane abari bitavye ico giteramo.

Uwundi murwi wari Holy Dreams Team ukaba nawo ugizwe n’abasore cumi ukaba uririmba mu midiho itandukanye kandi bakaba nabo baririmba neza. Uwundi murwi ni One Heart Worship ugizwe n’abasore batanu kandi ubona ko baririmba ivyo batahura mbere bakaba bariko barakora clip ya zimwe mu ndirimbo zabo.

Nk’uko Stanley Niyongabo asanzwe yiga kuri iryo shuri akaba ari nawe amenyereza umurwi w’abaririmvyi wo kuri iryo shuri witwa Bible Group of Solidarity akaba ari no mu murwi witwa The Best Friends of God uzwi cane i Bujumbura yabitumenyesheje, yavuze ko bari bateguye ico giteramo mu ntumbero yo gushimira Imana kuko yakoze ibikomeye muri uno mwaka no kumenyesha ku mugaragaro ko muri Groupe Biblique harimwo n’umurwi w’abaririmvyi. Muri ico giteramo habonetsemwo indirimbo zitari nke kuri iyo mirwi yose habonetsemwo kandi umwanya w’ijambo ry’Imana muri Mariko 10:46₋48.

Kubwo umuyobozi w’iryo shuri, yatumenyesheje ko iryo shuri ryatanguye mu mwaka wa 1994 nk’ishuri ryigenga, ubu rikaba rifise ibisata bitandukanye harimwo igice ca mbere c’amashuri yisumbuye, Lettres Modernes, Economie, Informatique de maintenance na Informatique de Télécommunication, akaba yabandanije atumenyesha ko iyo Groupe ibafasha cane mu bijanye n’ibikorwa vy’Imana(Vie spirtuelle ) kandi ko biteguye gufasha iyo Groupe kugira bashike ku nteguro yayo.


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.