Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BukivLab rirashima ibikorwa vya Sat-b - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > BukivLab rirashima ibikorwa vya Sat-b

BukivLab rirashima ibikorwa vya Sat-b

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ryiyemeje gufasha abaririmvyi b’Abarundi n’Abanyarwanda “BukivLab” rirashimishwa n’ibikorwa vya Sat-b. iryo shirahamwe risanzwe ariryo rifashe mu mugongo Sat-B, rirashima intambwe uwo muririmvyi agezeko.

Uwuserukira ishirahamwe BukivLab , DJ Jackson, amenyeshako atidoga nagato ku bikorwa bamaze kurangurana n’umuririmvyi Sat-B. aho ni mugihe haheze umwaka iryo shirahamwe ryavuye I Buraya ririko rirakorana n’uwo muririmvyi w’umurundi. Ivyo DJ Jackson akaba abivuze inyuma y’igiteramo Sat-B yaremesheje ku munsi w’Imana uheze muri komine Kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura. Uwo aserukira BukivLab akaba amenyesha ko ukubona Sat-B aheruka gukorana n’ishirahamwe Brarudi muri Primusic iheruka, iyo yabaye intambwe ya mbere yashimishije BukivLab imufashe mu mugongo.

BukivLab yihweje ibiteramo ndetse n’ibindi bikorwa bijanye n’umuziki imaze gukorana na Sat-B, ivugako uyo muririmvyi ari muri bake bashoboye gushika aho bashitse ubu bivanye n’amasezerano iryo shirahamwe rifitaniye na Sat-B. imvo yatumye iryo shirahamwe ritora gukorana na Sat-B, DJ Jackson amenyesha ko bashimye ubwira bw’uwo muririmvyi. Aho bkaba bafatiye ku bikorwa yaramaze kurangura ari wenyene.BukivLab ribicishije kuri DJ Jackson rimenyesha ko mu migambi yaryo rigomba gukorana n’abandi baririmvyi b’abarundi. Aha hakavurwako iryo shirahamwe rimaze kuvugana n’umuririmvyi Black-G hamwe n’umurwi Wanaves Kikosi. Mukamenyako uyu murwi arimwo na Sat-B.

JPEG - 44.9 ko
Sat-B mu giteramo "Kw’ITABA" mu Kanyosha

Ku kibazo cuko Sat-B yoba yatowe kugira iryo shirahamwe BukivLb rimenyekane, kuko asanzwe akunzwe cane, DJ Jackson yishura adahana cane. Ariko akamenyeshako, ivyo Sat-B akora, iryo shirahamwe ariryo ritanga uburyo.

BukivLab n’iki?

I Stockholm, umurwa mukuru kandi igisagara ca mbere kinini c’igihugu ca Suède, niho muri Kigarama 2012 havuka ishirahamwe BukivLab ryaje gukorera mu Burundi. Rifise intumbero yo gufasha abaririmvyi b’Abarundi , n’Abanyarwanda ku bijanye n’umuzi. Iyindi ntumbero rifise niyo guhuza abaririmvyi bava muri ivyo bihugu maze badugiriza ikivi hamwe. BukivLab gisobanura : Bu=Bujumbura, Ki=Kigali, V=Vibes, Lab=Labelishirahamwe rije kuryohera ivyo bihugu 2. Iryo shirahamwe rikaba ryabayeho ku ciyumviro ca Dj Jackson asanzwe akorera umuziki i Stockholm. Jackson akaba ari umurundi wimvukira yo mu Kanyosha. Ari i Bujumbura avugiriza umuziki muri “Le Christal”.


NKESHIMANA Chérif

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.