Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Abagendana umugera wa SIDA barageramiwe no gufungura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Burundi: Abagendana umugera wa SIDA barageramiwe no gufungura (...)

Burundi: Abagendana umugera wa SIDA barageramiwe no gufungura nabi

lundi 30 Kigarama 2013

Mu cirwa cakozwe n’ikigo cishinze kuraba ibijanye n’umugera wa SIDA, CNR (Centre National de Refence en matiere de VIH/SIDA cifadikanije n’umuhora uhuza abagendana umugera wa SIDA mu Burundi ( RBP+), abagendana umugera wa SIDA barabangamiwe no gufungura nabi, abenshi muri bo akaba ari bantaho nikora.

Ico cirwa cerekanye ko ibitigiri vy’abafungura nabi muri rusangi ku bagabo no ku bagore, yaba abibungenze canke abonsa, kigeze ku bice 24,1 kw’ijana, muri bo ibice 18,7 kw’ijana ari abafungura nabi ku rugezo rugereranye, hamwe n’ibice 5,4 kw’ijana vy’abafungura nabi ku rugezo rwo hejuru. Muri rusangi naho, ku bantu bagizwe kw’amatohoza, ibice 21 kw’ijana ari abafungura nabi imbere y’uko baronka imiti yo gupfupfahaza, yo kuva ku mezi atandatu uduga hamwe n’ibice 28,9 kw’ijana ku miti irenza amezi atandatu.

Mu ntumbero yo kwiga no kwemeza ivyakozwe mu cirwa, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze kurwanya inzara (PAM), ryatunganije kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 30 Kigarama 2013 uruganda rwo kwemeza ivyavuye mu cirwa cakozwe kubijanye no kugenzura hamwe no kuraba ukungene, abagendana umugera wa SIDA bamerewe mu bijanye no gufungura.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwuguruza ibikorwa vy’urwo ruganda, muganga Yohani Niragira yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu akaba n’umunyamabanga ntayegeyezwa mu kigo cishinze kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, CNLS (Conseil nation de Lutte contre le SIDA) yamenyesheje ko ico cirwa kije hageze mu bushikiranganji bwo kubangubunga amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyandganda SIDA.

Yohani Niragira

N’icirwa kije gufasha kumenya abamaze kuja ku miti n’abataraja ku miti, ku bijanye n’imfunguro zabo, hamwe n’ingene amagara yabo amerewe, ivyo navyo bikazotuma haboneka inzira y’ingene bogarukira abagendana umugera wa SIDA bafise ingorane zo gufungura nabi. Muganga Yohani Niragira yamenyesheje kandi ko, ico cirwa kije mu gihe hari hateguwe ibikorwa bizotuma hatunganywa icegeranyo cerekeye umugambi wari wateguye wo kurwanya ikiza SIDA, kuva mu mwaka w’2012 gushika 2016 bikorwa. Uwo mugambi ukaba uriko urarabwa uko wakozwe kugira barabe ko ataco kwongererezwa mu vyari vyeguwe.

Ku bw’umuyobozi nawe w’ishirahamwe PAM akaba n’uwuriserukira imbere y’amategeko Bienvenu Djossa, gufungura nabi biri mu bituma n’urugezo rw’imigera y’ikiza ca SIDA rwongerekana. Icirwa cokozwe ku bijanye no kugenzura hamwe no kuraba ukungene abagendana umugera wa SIDA bamerewe mu bijanye no gufungura, kikaba kije kwishura ivyari vyarasabwe mu mugambi w’igihugu wishinze kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, PNLS. Djossa Bienvenu akaba yamenyesheje ko ico cirwa cakozwe, kizotuma igitigiri c’ababangamiwe kija ahabona congere mbere kinafashe gutegura uburyo bw’ukungene bagarukira abasinzikaye.

Mwomenya ko ico cirwa cakozwe kije cuhira ihangiro ishirahamwe PAM ryihanye ryo kugabanya igitigiri c’abana bapfa bakiri bato, guteza imbere amagara meza y’abakenyezi bibungenze, kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA hamwe no kubura kw’ivyunyunyu mu mubiri.

Bienvenu Djossa aserukira PAM mu Burundi

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.