Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cankuzo : Abantu babiri nibo bahitanwe na Kolera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Cankuzo : Abantu babiri nibo bahitanwe na Kolera

Cankuzo : Abantu babiri nibo bahitanwe na Kolera

mercredi 11 Nyakanga 2013

Abantu babiri nibo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’indwara ya kolera muri komine Matyazo, intara ya Cankuzo, abandi nabo baharurwa muri cumi bari ku musego, aho bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye.

Mu ntara ya Cankuzo, ikiza ca kolera casubiriye kwibonekeza, imisozo ibangamiwe ahanini akaba ari Kavumu na Kivurira, yose yo muri komine Matyazo. Abantu baharurwa muri babiri nibo bitavye Imana ku munsi w’ejo, abari hagati ya cumi na cumi na batanu bakaba bariko barakurikiranwa mu bitaro.
Abanyagihugu bo muri ako karere bamenyesha ko iyo ndwara ituruka ku bukene bw’amazi meza hamwe n’isuku rike riboneka mu tuzu twa surwumwe muri iyo komine.

Ku kibazo c’utuzu twa surwumwe, bamenyesha ko abimba ibinogo vy’utwo tuzu badashika hasi, imvura imaze gutasura igaca iduza iyo myanda ari nayo ntanduruko y’iyo ndwara, na cane cane ko utwo tuzu twa surwumwe kenshi tutaba dusakaye. Ikindi gisasira indava ico kiza, n’utwo tuzu nyene twa surwumwe tudapfundikirwa iyo bahejeje kudukoresha.

Abajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Cankuzo baremeza ayo makuru y’ikiza ca kolera casubiriye kwibonekeza, bakamenyesha ko abafashwe n’iyo ndwara baca bajanwa kuvurirwa mu bitaro vyo ku Mpanda no ku bitaro vyitiriwe umwami Karede i Bujumbura.

Abanyagihugu bo muri komine Matyazo basaba ko boronswa amazi meza, abatarajijuka nabo bahimirizwe ingene bokoresha neza utuzu twa surwumwe bubahirije amabwirizwa y’isuku.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.