IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Cibitoke : Abanyarwanda 17 badandaza umubiri bafashwe n’igiporisi

Cibitoke : Abanyarwanda 17 badandaza umubiri bafashwe n’igiporisi

jeudi 7 Myandagaro 2014

Mu ntara ya Cibitoke, abanyarwandakazi 17 batawe muri yompi n’igiporisi c’Uburundi bagirizwa kuba mubadandaza umubiri.

Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke amenyesha igiporisi kirajwe ishinga n’igitigiri c’abanyarwandakazi badandaza umubiri babandanya kwibonekeza muri iyo ntara ya Cibitoke ku bwinshi.

Abanyagihugu bo muri iyo ntara baridogera cane abo banyarwanda, bakamenyesha ko aribo basambura ingo zabo, bakongera bagatuma ubutunzi bw’imiryango yabo butera busubira inyuma, kubera abagabo ba serugo baburarira muri abo banyarwandakazi badandaza umubiri.

Abo bafashwe uko ari 17 bari mu minwe y’inyamiramabi, bikavugwa ko bashobora kurungikirwa ubuyobozi bw’igihugu c’Urwanda.

Tubamenyeshe ko haba mu Burundi canke mu Rwanda ata tegeko ritanga uburenganzira bwo gukora umwuga wo kudandaza umubiri.


IGIHE

Messages

  • ABO SIKO KAZI KABAZANYE NYIMBA MUTAZI YA BANYARWANDA.MUZOBA MURABAMENYA AMAHERA YACU NIYO YOBACA NTEMA ATARUSHA AGACIRO AMANYA RWANDA ABO BURYA BAHEMBWA MURWANDA.. BARI MW IPEREREZA ICO BARIKO BARAREREKA KIRIHO RUNGIKA IWABO NINGOGA...HAHAHAHAHA ABO DANGER!!!!

  • ICONOSABA RETAYUBURUNDI NUKOYOFATA INGAMBAZOGUTUZA ABOBACANGERO BAKORERA RETAYURWANDA NTAWOMENYAKO ARUBURAYA BUBAZANAJEMBONAKO ARINDERETSI DUKURIREKO.

  • Ahaaaaaaa! Aba bakobwa bambaye gutyo mubona basanzwe! Oya nibabamirire kure kuko ivyabo ntawobimenya. Erega birateye isoni. Si abantu basanzwe. Abakobwa 17 bose wovuga ko bagenzwa n’iki? Ni ukudandaza imibiri gusa? Kandi burya si 17 hariho abandi batashoboye gufatwa. No mu zindi ntara nibarabe neza wosanga binyegejemwo.

  • BIRABABAJE IZOMARAYA ZAJE GUHONYA ABARUNDI NIMUDUKUREKO IYO MIGERA NTIZIDUSHUMWANYA WOGUKORA.

  • abo bakobwa nibasubire iwabo murwanda kandi bakire yasu kuko haracari ivyizigiro ko bashobora kubabarirwa.

  • Hutu ryari uzopha wemeye icaha ?ngo ubutuzi bwimiryago bumerewe nabi/ngo basambura ingo zabantu??ariko maraya ikibi ciwe kirihe ??ko arimwe muta imiryango mukaja kumurondera!?ubutuzi nimwe mubumushira ,kandi ntacagusa kihari ?reka kumara marira kuri maraya ahubwo saze arimwe muri ba marAya

  • Mbe ko batabatweretse mumaso tubamenye tubabonye tuzobatere ivyatsi.

  • Ngendazi uvuzukuri nkukurima abo nabakozi ba DMI abari iburayi na Z,amerika aho iburundi tuzikwarabakeba niho bobura?

  • birateye isoni,birukane baje kubikorera iwabo

  • Kurivyo ndumva aruguhohotera agateka kazina muntu imana yonyene yavuze ko hari inzira2 umwe. Wese aca muyagomvye mbega ko tuzi. Ko mukarere kacu harubukene buzurinzara akazi kabuze bikomeye mugomba bicwe. Ninzara. Nino mumahanga turi abanyarwandakazi na bagandakazi bakora uwo mwuga nibeshi. Kandi uwo ubajije wese impamvu abikora inyishu nimwe ubukene nokura akazi ariko beshi bagiye babireka kuko bagiye babona ico. Bakora umuti rero leta nizibaronderere ico bakora

  • Birateyisoni!vyukuri nibaje hamwe nabandi. Bagire nkishirahamwe hama babah’ubwobuzi!ck bonyene bavyigeko hama akazi bakihe vyose nimumutwe!sibose boronkubuzi bwa reta!banse naho bagumizemwo impembo zabo bazozibona,umugabo wumutima naw ntakwiye kuja murivyo,bazohahombera nyene!nibatahe riko!bareke kwononera abanyecibitoke!

  • Bariko Bironderera Ubuzi Murabizinamwe Kubuzima Bugoye.

  • nibabareke ntawe bafata kunguvu,nabagabo bijana,nabo ba police nibo babasambanya

  • MANA WE TABARA ABANTU BAWE BIHIVYE KWIDANDAZA!! BAZOBONIBARA KUMUSI WURUBANZA

  • Burya Barya Barungitswe Gukora Maneko Tukabita Abamalaya Kandi Bariko Barakwiza Igihugu Cose Inkotanyi Bashika Kwihoteri Bakayifata Yose Nubu Rero Nugusuzuma Cane Ahobacumbika Hose Kamenge Twarabirukanye Tubanj Kubakorerako

  • Nibabarekebidandarize!Boboboryiki? Eeee!!!Komucamubafata?Bosoromahe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.