Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Cinema mobile” yarangiriye mu Rumonge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > “Cinema mobile” yarangiriye mu Rumonge

“Cinema mobile” yarangiriye mu Rumonge

samedi 17 Myandagaro 2013

Cinema mobile yaraye isozereye urugendo rwayo muri komine ya Rumonge ku mugoroba w’uyu wa gatanu. Mu minsi 7 yamaze ikaba yagendeye intara 6 zo hagati mu gihugu. Abarorerezi bakaba barashimye amareresi bahaboneye.

Uruganda rwo kwerena amareresi y’abarundi bise “Cinéma mobile” rwaraye rusozerewe ku mugoroba w’uyu wa gatanu mu gisagara ca Rumonge. Uyu mwaka, urwo ruganda rukaba rwagira urwa 3. Cinema mobile ni umugambi w’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi FESTICAB. Cinema mobile ikaba iba inyuma y’isabukuru FESTICAB ikereka abarundi bo mu gihugu hagati, amareresi yakozwe n’abarundi. Amareresi aba yaragiye mw’ihiganwa ry’iyo sabukuru. Imbero y’uwo mugambi “cinema mobile” akaba ari “ukwereka abarundi amareresi y’abarundi”. Cinema mobile yasozereye urugendo rwayo mu Rumonge ibanje guca aha hakurikira: Cibitoke, Kirundo, Karusi, Makamba, Rutana na Nyanza-Lac.

JPEG - 29.6 ko
MUKENUZI Balthazar, uwurongoye umurwi wa Cinema mobile

Nk’uko uwarongoye umurwi wo kwerekana ayo mareresi, MUKENUZI Balthazar, yabimenyesheje, aho baciye hose, abantu barorereye ayo mareresi barayashimye. Ati: “Nikimenyamenya n’uko hageze ko duhagarika ukwerekana ayo mareresi abantu baradusaba ngo tubandanye naho bwaba bwije”. Ivyo rero bikaba vyaranigaragaje ku mugoroba w’uyu wa gatanu mu Rumonge. Isinzi ry’abantu bariko bararorera, batereye akamo rimwe basaba ko bobandanya berekana izo reresi naho umwanya wari warangiye. Vyarabonetse kandi ko abantu bakurikira cane amasanamu n’amajambo y’ayo mareresi yose ari mu rurimi rw’ikirundi.

JPEG - 28 ko
URAMBAGA Rehani, umukuru wa Zone Rumonge

Umukuru wa Zone Rumonge, URAMBAGA Rehani, yari muri ico kibanza yagize ati: “…ni imbonekarimwe hano mu Rumonge turaba amareresi y’abarundi”. Uwo mu kuru wa zone Rumonge yarongeye avugako akanyamuneza kwibonera amareresi y’abarundi avuga ibintu vyo mu buzima bwa misiyose. Ati: “Amareresi tumenyereye hano n’ayo mu mahanga. Ayo nayo aza atosekaza cae imico y’abana bacu”.

Inyuma y’ukwo kurorera ayo mareresi, NDAYIKENGURUKIYE Prudent (w’imyaka 43) umwe mubari aho, yagize ati: “Amareresi duheje kuraba yari aryoshe. N’amarersi arimwo inyigisho nyinshi cane hamwe n’impanuro ku bintu tubamwo mu buzima bwa minsi yose. Haba mu kibano canke aho turangurira imirimo”. Umuyabaga w’imyaka 13, BIMAZUBUTE Maliki, nawe ati : « Aya mareresi ubonye yarahimbaye, yaranatwenza ariko ni magufi cane”.

JPEG - 26.7 ko
NDAYIKENGURUKIYE Prudent (imyaka 43), umwenegihugu wo mu Rumonge
JPEG - 59 ko
BIMAZUBUTE Maliki, umunyeshuri muri E.P Rumonge II

Mwomenyako cinema mobile ifise intumbero yo gushikiriza abarundi amareresi y’abarundi ari umugambi w’isabukuru ry’amareresi FESTICAB. Uwo mugambi ukaba ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe BRARUDI. Ukaba werekana amareresi yakozwe n’abarundi gusa kandi ari mu rurimi rw’ikirundi.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.