Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC: Uburundi kw’isonga ry’ibihugu bifise umugera muke wa SIDA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > EAC: Uburundi kw’isonga ry’ibihugu bifise umugera muke wa SIDA

EAC: Uburundi kw’isonga ry’ibihugu bifise umugera muke wa SIDA

mercredi 16 Mukakaro 2014

Mu matohoza aheruka kugirwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Kagizwe n’ibihugu bitanu arivyo, Uburundi, Urwanda, Ubuganda, Kenya na Tanzaniya kubijanye n’umugera wa SIDA, igihugu c’Uburundi kiza ubwa mbere mu bitabangamiwe rwose.

Nk’uko vyagaraye mu vyirwa vyakozwe kubagendana umugera wa SIDA mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Uburundi n’ubwa mbere bufise umugera muke ku 1,4 kw’ijana ugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere. Naho vyagaragaye ko Uburundi ari ubwa mbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko bufise umugera muke, muganga Jean Rirangira wo mu mugambi wishinze kurwanya ikiza SIDA (PNLS) mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko hari imirwi isinzikajwe cane n’ico kiza kurusha iyindi.

Muganga Rirangira avuga ko mu matohoza yakozwe ku bagendana umugera wa SIDA mu Burundi, hari imirwi ibangamiwe kurusha iyindi. Bafatiye ku bitsina, vyagaragaye ko igitsina gore gifise ibiharuro biri imbere kurusha igitsina gabo. Muri rusangi mu Burundi bwose, abagabo bagendana umugera wa SIDA bakaba bagera gice 1 kw’ijana, abagore nabo igice 1,7 kw’ijana. Amatohoza yakozwe yerekanye kandi ko hariho imyaka abagabo baba bafise ibiharuro biri imbere gusumba abagore mu ndwara, umugera wa SIDA hamwe n’imirwi imwe imwe y’abanyagihugu nk’iy’abandandaza imibiri, bafise ibiharuro biri imbere bishika ku 20 kw’ijana.

Naho Uburundi bufise ibice 1,4 vy’abagendana umugera ugereranije n’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, muganga Rirangira amenyesha ko bidasigura ko aribwo bwagize intambwe kurusha ivyo bindi bihugu, kuko kuva na kera bwari bufise ibiharuro biri munsi ugereranije n’ibindi vyo muri EAC. Muganga Jean Rirangira ahamagarira abarundi kudaca baryama umukondorazosi mu kurwanya SIDA, kuko vyagaragaye ko hari imirwi imwe imwe ikirimwo ibiharuro bikiri imbere.

Tubibutse ko umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko, watanguje umugambi uzomara imyaka itanu wo kurwanya bimwe biboneka ikiza ca SIDA mu karere k’ivyo bihugu bitanu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.