Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola : Abantu cumi bashobora kuba banduye muri Texas - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : Abantu cumi bashobora kuba banduye muri Texas

Ebola : Abantu cumi bashobora kuba banduye muri Texas

samedi 4 Gitugutu 2014

Mu bantu bashika mirongo itanu bakirabwa ko boba banduye umugera Ebola i Dallas, muri Texas, cumi nibo, ku rugezo rwo hejuru, bashobora kuba baranduye, nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye ibikorwa bijanye n’amagara y’abantu muri iyo Reta, umuganga David Lakey.

Abandi bari ku rugezo ruto rwo gushobora kuba barandukijwe na wa murwayi yatorwa umugera Ebola ku wa kabiri, ubu ari ahiherereye mu bitaro vy’i Dallas. Uyo munya Liberia, ari uwambere asuzumwe iyo ndwara atari ku butaka bwa Afrika, yapimwe imisi myinshi imbere y’uko ibimenyetso vy’ambere vya Ebola vyigaragaza, bigatera ubwoba ko benshi mu bamukikuje n’abandi banduye uyo mugera.

Ubutegetsi bwa Amerika buhamagarira abantu gutekana no kudacika ivutu mu gutinya kwandura uyo mugera mu guhumuriza abanyagihugu ko amahirwe yo kwandura ari mato cane gose muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ugereranije no muri Afrika y’Uburengero aho ico kiza kimaze kwica abarenga ibihumbi bitatu.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.