Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola : Igice c’abakozi mu gisata c’amagara y’abantu bagize yegereyegere muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : Igice c’abakozi mu gisata c’amagara y’abantu bagize yegereyegere muri (...)

Ebola : Igice c’abakozi mu gisata c’amagara y’abantu bagize yegereyegere muri Liberia

mardi 14 Gitugutu 2014

Mu gihugu ca Liberia, igice c’abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu barahagariste akazi kuva ejo ku wa mbere igenekerezo rya 13 Gitugutu 2014. Basaba kuronswa agashirukabute kajanye n’akazi bakora (des primes spécifiques) hamwe n’ibikoresho vyo kwikingira (des équipements de protection) ikiza ca Ebola.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu muri Liberia (National health workers association of Liberia), Georges Williams, aranegura ko Reta ata nguvu ishiramwo kugira itore umuti w’ibibazo bayitura. Ku bwiwe, abo bakozi ntibipfuza kugira yegeyegere. Ariko bavuga ko ata yindi nzira atari guhagarika akazi kubera Reta biboneka ko iguma yica amatwi ku bibazo bayitura buri munsi. Asigura ko kuva muri Ndamukiza, basavye kuronswa ibikoresho vyo kwikingira Ebola, basaba Leta kwicarana nabo kugira batangure ibiganiro. Ariko abantu baguma bapfa kuko Reta idashaka gutorera umuti ico kibazo.

Abarwayi baridoga kuko babura ababitaho, bigatuma bapfa ku bwinshi, abashobora gutambuka nabo bagashaka gutoroka, nk’uko umurwayi agwariye mu bitaro Island biri i Moronvia abivuga.

Georges Williams aragabisha ko yegereyegere izobandanya gushika hatangujwe ibiganiro bigamije gutorera umuti ico kibazo. Atera akamo amakungu, yatanze amahera menshi, guhanura Reta ya Liberia, kugira ivyo amakungu yakoze ntibibe impfagusa. Ku bwiwe, ayo makungu yoza guhimiriza Reta igatanguza ibiganiro kuri ico kibazo mu maguru masha inganda ntizibandanye kuhatikirira.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.