Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eminem: Ireresi avuga ku biyayuramutwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Eminem: Ireresi avuga ku biyayuramutwe

Eminem: Ireresi avuga ku biyayuramutwe

samedi 29 Ruheshi 2013

“How To Make Money Selling Drugs”( bigomvye gusigura “ukuntu amahera ava mu biyayuramutwe”), ireresi ivuga ubuzima umuririmvyi Eminem yaciyemwo igihe amaze anyway ibiyayuramutwe. Muriyo reresi Eminem aravuga uko yahatswe kwicwa n’ibiyayuramutwe mu 2005 aho yanywa umurendera ku rugero rw’imiti yo kugabanya ububabare.

JPEG - 119.2 ko
Igifuniko ciyo reresi nshasha

Muri iyo reresi, Eminem aravuga ukuntu hari abantu batungiye mu kudandaza ibiyayura mutwe. Akaba ari mubantu bazwi cane (aba “Star”) bubahutse kuvuga kuri urwo rudandazwa rukorerwa mu kinyegero. Vyongeye arigana ubuzimz yaciyemwo igihe yanywa ibiyayuramutwe. “Ibihimba vyanje vy’umubiri vyararwaye ndahakwa gupfa. Aho ndavuga igitigu, amafyigo n’ibindi. Abaganga ntibibaako nshobora gukira. Nararwariye mu bitaro ukwezi kwose. Mvuyeyo nca nsubira kurwara kandi. Ndaheza nguma mu nzu nibwira nti ngire pfe”, Eminem niko yagize aho hariko harashirwa ahabona iyo reresi.

JPEG - 25.7 ko
Umuririmvyi Eminem

Eminem aragaruka ku gihe yamaze ariko aragerageza guheba ibiyayuramutwe. “Narahagaritse gufata ibiyayuramutwe ariko vyanteye ukuguma maso amasaha 24 kuri 24 mu kiringo c’indwi zitatu. Naguma ndaba imboneshakure”, aho ni Emenim yongera kuvuga uko uko vyari bimeze. Ubu Eminem akaba abwira abandi bagifata ibiyayuramutwe ati: “Ubu meze neza ndabarahiye”.

JPEG - 63.7 ko
Def Jam hamwe na 50 Cent (uva i buryo uja i bubamfu)

Iyo reresi yahinyanyuwe nuwitwa Adrien Grenier haraserukamwo abandi baririmvyi baba nyamerika bazwi nka 50 Cent hamwe na Def Jam. Ubu iyo reresi ikaba iriko irerekanwa mu bibanza bimwe bimwe barabiramwo amareresi muri Leta Zunzubumwe z’Amerika.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.