Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guta ibiro kwiwe kwazanye izindi ngorane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Guta ibiro kwiwe kwazanye izindi ngorane

Guta ibiro kwiwe kwazanye izindi ngorane

mardi 17 Ruhuhuma 2015

Elora Harre yataye ibiro 55 mu myaka ibiri gusa, mu nyuma agenda guhura n’iyindi ngorane ituma adakunda umubiri wiwe.

Elora Harre afise imyaka 21 y’amavuko. Yagiye gutangura kuvyibuha cane igihe abuze se wiwe. Muri ico gihe yari afise imyaka 10 ntiyashoboye kwihaganira urupfu rw’umuvyeyi wiwe, niko gutangura gufungura cane kugira yiyibagize urwo rupfu. Uko akura niko yagiye aravyibuha cane mbere n’abaganga bamubwira ko afise ingwara yo kuvyibuha (Obésité morbide).

Mu nyuma abonye ko iyo ngwara ishobora kumuhitana, yaciye atangura gufata imfungurwa zidatuma avyibuha cane, mbere aragabanya ubwinshi bw’imfungurwa yahora afata.

Mu myaka ibiri, Elora yarataye ibiro 55, mugabo agenda kugira iyindi ngorane y’uko umubiri wiwe wahindutse cane bivuye ko yataye ibiro vyinshi mu mwanya muto cane (Umubiri wiwe waciye umera nk’uw’umusaza). Abicishije ku rubuga rwa facebook yiwe, avuga ko uguhinduka kw’umubiri wiwe atavyo yari yiteze, kandi ko bituma agira isoni z’umubiri wiwe, ugasanga bizanye ingaruka mbi nko kwiyanka mbere no mu mutwe bigahindura uko umuntu asanzwe ameze canke yiyizi.

Ubu Elora abifashijemwo n’uwo bavukana ariko aregeranye amahera kugira ashobore kwibagisha, ivyo birengako ku mubiri wiwe bimuveko.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Nibaza ko mwihenze gatoyi. Uyo mwigeme ntiyataye 50kgs, ahubwo yataye 50 lbs( pounds).i pound imwe ikaba ingana na 0,45359237 kgs. Nukuvuga yataye ibiro 0,45359237 x 50= 22, 6796185.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.