Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gutuza ebola muri Afrika kabaye akananirabahinga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Gutuza ebola muri Afrika kabaye akananirabahinga

Gutuza ebola muri Afrika kabaye akananirabahinga

jeudi 7 Myandagaro 2014

Indwara ya ebola imaze guhitana abantu bagera ku 930 muri Afrika y’Uburengero, ibihugu bitandukanye vy’Afrika harimwo n’Uburundi bikaba vyamaze gufata ingingo yo kwikingira ico kiza.

Amakungu na cane cane mw’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu OMS, bakaba bariko barakora ibishoboka kugira ico kiza kimaze iminsi gitikije inganda mu bihugu bitandukanye vy’Afrika y’Uburengero gituzwe. Umushikiranganji w’amagara y’abantu w’igihugu ca Nigeria, Onyebuchi Chukwu yabariye abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu, ko ariko aravugana na bamwe mu baganga bo mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika kugira baze gufasha mu gutuza iyo ndwara.

Mukamenya ko no mu nama yahuje abakuru b’ibihugu vya Afrika na Reta zunzubumwe z’Amerika, ikibazo c’indwara ya ebola cavuzweko. Ariko Barack Obama abajijwe namba babona Reta zunzubumwe z’Amerika hari ico bagiye gukora kugira bafashe Afrika gutuza ico kiza, akaba yishuranye ubwenge ico kibazo. Obama akaba yagize ati :’’Reka turindire abahinga mu vy’amagara y’abantu baze berekane uko twofasha’’.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.