Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibice 17,5 vy’abana barwaye umugera wa SIDA nibo baronka imiti yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ibice 17,5 vy’abana barwaye umugera wa SIDA nibo baronka imiti yo (...)

Ibice 17,5 vy’abana barwaye umugera wa SIDA nibo baronka imiti yo gupfupfahaza

mardi 27 Rusama 2014

Mu cegeranyo casohotse mu mpera z’umwaka w’ 2013, cerekana ko ibice 17,5 kw’ijana vy’abana barwaye umugera wa Sida, ari bo baronka umuti wo gupfupfahaza.

Nk’uko bishikirizwa na muganga Nimpagaritse Damien umuyobozi w ‘ubuhinga mu biro vy’umunyamabaganga nshingwabikorwa ntayegayezwa mu kigo c’igihugu co kurwanya umugera wa Sida (SEP /CNLS), ivyo bitigiri ni bike cane ugereranije n’ivyo abakuze, aho bobo ari ibice 60 kw’ijana nk’uko muganga Nimpagaritse abandanya abimenyesha. Avuga ko mu mwaka w’ 2013, ku barundi bose hamwe bipimishije umugera wa sida, ibice 4 kw’ijana gusa vy’abana bari munsi y’imyaka 15, ari bo bashoboye gupimishwa.

Muganga Nimpagaritse aravuga kandi ko urugero rw’abana bafata imiti ari ruto cane,
n’ibitigiri vy’abana bapimishwa umugera wa Sida ku bana bari munsi y’imyaka 15 biracari bito cane, kubera ko hakiri ya ngendo, umenga kwipimisha ku bushake biba ku bantu bamaze gukura gusa, ukamenga abavyeyi ntobofata ingingo bonyene yo kuja gupimisha abana babo. Kugira batorere inyishu iyo ngorane , muganga Nimpagaritse asaba ko abavyeyi bohimirizwa bikwiye, mu ntumbero yo kuza barapimisha abana babo, ni nayo nzira mbere yo gufata imiti kubaba basanze baranduye.

Umuganga asanzwe ayoboye ikigo Centre Médical Espoir de Kayogoro ari nawe arongoye imbere y’amategeko ishirahamwe Initiative pour la promotion de la santé rurale et le développement’’(IPROSALUDE), Félix Harerimana yamenyesheje ko kuronka imiti bigoye mu ntara za ruguru ugereranije no mu bisagara. Gushika aho batangira iyo miti ahanini biri mu ngorane nkuru nkuru ku bavyeyi bo mu ntara za ruguru, aho barinda kugenda ibirometero n’ibirometero kugira bashobore kuronka imiti y’abo bana babo, baba bafise umugera wa Sida nk’uko muganga Harerimana abandanya abimenyesha.

Iyindi ngorane n’iyijanye n’imfungurwa kuko ibigo vyinshi bifata mu mugongo ivyerekeye umugera wa Sida, bidashigikiwe neza mu vyo gufungura. Muganga Harerimana, avuga ko ikigo ANSS ari co conyene gifata neza abana barwaye umugera wa Sida, kuko inyuma yo kubaronsa imiti babashigikira mu vyerekeye gufungura(appui nutritionnel).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.