Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibirori ntivyoryoha atagiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ibirori ntivyoryoha atagiye

Ibirori ntivyoryoha atagiye

vendredi 3 Nzero 2014

Abaririmvyi burya bafasha vyinshi haba mu nteguro z’ibintu ibi canke biriya. Muri Zimbabwe bipfuza ko R. Kelly yoba kumwe nabo mu ibirori mpuzamakungu.

Uwurongoye igisata c’ingezi mu gihugu ca Zimbabwe, Karikoga Kaseke, yamenyesheje ikinyamakuru NewsDay ko bariko bavugana n’umuririmvyi w’umunyamerika Robert Sylvester Kelly kugira azobafashe kurunga ibirori mpuzamakungu bizoba mu kwezi kwa Rusama 2014.
Kaseke avuga ati : « turiko dukorana n’abantu bose bashobora kumudushikirira maze tumusabe aze yifadikanye na twe muri ico gihe ».

Ku bwa Kaseke, ivyo birori ntivyoryoha nk’uko avyipfuza mu gihe umuririmvyi wo mu mudiho wa RB atokwishikira ku kibuga National Sports Stadium c’i Harare. Kuba rero bamurondeye hakiri kare bashaka ko R. Kelly yobimenya kare.

Nta kwezi kurahera Jim De Rogatis yahoze ari umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Chicago Sun-times amenyesheje ugushurashuza abana bato kugirwa na R. Kelly ari akamaramaza. Uwo muririmvyi w’imyaka 46, mu kiganiro yatanze yavuzeko abo bavuga ivyo ari abazingamitswe n’ishari ko kandi iyo umuntu agiye hejuru atabura ibihuhusi biza kumutembagaza.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.