Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Africatime.com" yakoresheje ifoto y’abakinyi b’amareresi babita abateye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > "Africatime.com" yakoresheje ifoto y’abakinyi b’amareresi babita abateye mu (...)

"Africatime.com" yakoresheje ifoto y’abakinyi b’amareresi babita abateye mu Rukoko

mardi 7 Gitugutu 2014

Umukinyi w’amareresi Joseph Ndayisenga ararajwe ishinga n’ifoto yakoreshejwe n’ikinyamakuru "Africatime.com" mu kwerekana umurwi w’abarwanyi bakoze igitero mw’ishamba rya rukoko, bagatana mu mitwe n’igisirikare c’Uburundi.

I buryo hatangura Ismael Gaposho, umuririmvyi Kendo na Joseph Ndayisenga

Iyo "foto" yakoreshejwe n’ikinyamakuru "Africatime.com" iriko umukinyi w’amareresi Joseph Ndayisenga, umuririmvyi azwi kw’izina rya Kendo na Ismael Gaposho. Kuri iyo foto bari bambaye koko nk’abarwanyi, nk’uko Joseph wenyene avyivugira, ariko agasigura ko iyo foto yafashwe mu mwaka w’2009 aho bariko bakina ireresi "Na Wewe". Muri make ireresi yavuga ku bwicanyi bwagirwa n’abarwanyi bakura abantu mu miduga babahora ubwoko, iyo foto yafatiwe i Bugarama mu ntara ya Bujumbura (Bujumbura Rural).

Inyuma y’igitero co kuri uwo w’Imana w’igenekerezo rya 05 Nyakanga 2014 cabereye mw’ishamba rya Rukoko, bukeye kw’igenekerezo rya 06 Nyakanga 2014, ikinyamakuru "africatime.com" gikorera mu bihugu bishika 54 vyo ku mugabane wa Afrika, cakoresheje iyo foto, umwidondoro wayo handitse:" Les Rebelles Burundais", bisigura " Inyeshamba canke abarwanyi b’aburundi".

Joseph Ndayisenga, umwe mu bari kuri iyo foto, avuga ko ari ibintu bidasanzwe aho umumenyeshamakuru akoresha ifoto itazi ivyayo, akayikoresha mu bintu vy’agacamutwe nk’ivyo. Avuga ko biteye ubwoba kuko bimaze kugera kure. Avuga kandi ko yabibwiwe na mugenzi ari mu mahanga, amubaza ryari yinjiye mu mirwi y’abarwanyi. Kugira yikureko ico caha, uwo mukinyi w’amareresi yahisemwo kurungikira abagenzi biwe bose iyo nkuru, mu nyuma ategekanya kwitwarira abakoresheje iyo foto bakamwita umurwanyi.

Mwomenya ko Ikinyamakuru africantime.com gikorera mu bihugu bikurikira vyo ku mugabane wa Afrika:South Africa, Algeria, Angola, Benin, Botswana, Burkina Faso, Burundi, Cameroon, Cape Verde, Central Africa, Comoros, Congo, Cote d’Ivoire, Djibouti, Egypt, Eritrea, Ethiopia, Gabon, Gambia, Ghana, Guinea, Equatorial GuineaBissau,Guinea, Kenya, Lesotho, Liberia, Libya, Madagascar, Malawi, Mali, Morocco, Mauritius, Mauritania, Mozambique, Namibia, Niger, Nigeria, Uganda, DRC, Rwanda, Sao Tome-and-Principe, Senegal, Seychelles, Sierra Leone, Somalia, Sudan South, Sudan, Swaziland, Tanzania, Chad, Togo, Tunisia, Zambia, Zimbabwe.

Mushobora kwirabira iyo foto iri kuri ico kinyamakuru, mukaraba n’ivyo bayanditseko bemeza ko ari abarwanyi b’abarundi. Mufyonda aha munsi :

http://fr.africatime.com/burundi/articles/burundi-une-rebellion-revendique-une-nouvelle-attaque-meurtriere-contre-larmee-0


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Icyokinyamakuru nigisabe imbabazi uwomukinyi/abakinyi bamareresi bacebabaha USD$7,000 bitabaye ibyongibyo bakakyamurukiko icyokinyamakuru Africatime.com kizabariha USD$70,000

  • Aho bahereye babihakana none ko ubu bavyemeye aruko monusco irinze kuvyivumburira!ntakintu kitamenyekana iyo gikorerwa mu bantu,ahubwo umuvugizi wigisirikare c’uburundi natange imihoho kuko yarabeshekandi kizira kubesha mu gisoda.hanyuma muri barya bariko baravayo ntimugire ngo nabasirikare ni za mbonerakure mbonimpayavuga bagaca bamuta mw’ibuye ahubwo ico twosaba nuko urya mutama yapfunzwe azira ubusa yokwezwabakamuhan’indishi y’akababaro.iyo myiteguroCNDD-FDD iriko irategura yo kumara abene burundi bari bakwiye kuyihagarika kuko burya amaraso y’inzira karenganearahuma.kwama. Mwicirabantu ubusa abandi mubangaza abandi mubapfunga bizobaviramwo akarambaraye.murantunga navuga simvura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.