Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igikorwa ca Diane Kaneza carashimwe na CANAL + na CFI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Igikorwa ca Diane Kaneza carashimwe na CANAL + na CFI

Igikorwa ca Diane Kaneza carashimwe na CANAL + na CFI

vendredi 21 Ruheshi 2013

Mu kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka turimwo, CANAL+ Afrique na CFI vyiyumviriye kugira umugambi bise "L’Afrique au Fiminin” , umugambi wahamagarira abigeme n’abakenyezi baturuka muri Afrika kugira bahiganwe mu bijanye no gukora amareresi magufi. Icivugo cari "Reussir en Afrique."

Inyuma yo kwegeranya amareresi ashika kw’ijana, CANAL+ Afrique na CFI zahisemwo amareresi 15 yakorewe mu bihugu 13 vyo muri Afrika bikoresha ururimi rw’igifaransa. Muri ayo mareresi magufi haratowe ireresi y’umukenyezi w’umurundikazi yitwa Kaneza Diane, iyo reresi ikaba yitwa” Made in Burundi”

Sebatien Punturello, aserukira CANAL+ mu bihugu ikoreramwo vyose muri Afrika, uno musi igenekerezo rya 21 Ruheshi 2013, yari aramutse akeza umwigeme Kaneza Diane ku mahirwe yagize yo gutorwa akaja muri cumi na batanu.

Mw’ijambo ryiwe, Sebatien Punturello, aseruklira CANAL+ yakeje cane Kaneza Diane yongera amenyesha ko Kaneza azoronka co kimwe n’abandi 14 batowe inyigisho zibiri. Iya mbere ikazoba ariyo kumufasha kugira ashobore kwandika ireresi yiwe mu gihugu ca Cote d’Ivoire, iya kabiri nayo ni ukumufasha gutunganya amasanamu hamwe no kuyafata.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.