Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa Primusic ryatanguye : Ntutangwe kwiyandikisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ihiganwa Primusic ryatanguye : Ntutangwe kwiyandikisha

Ihiganwa Primusic ryatanguye : Ntutangwe kwiyandikisha

vendredi 6 Ruheshi 2014

Ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI ryatanguje ihiganwa rya Primusic, abaririmvyi bipfuza guhiganwa bariko bariyandikisha kuva ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 5 Ruheshi 2014. Abaririmvyi Sat-B, Patient Matabaro na Big Farious nibo batowe kuzoserukira umugambi wa Primusic umwaka w’2014.

Ihiganwa rya Primusic umwaka w’2014 ryatangujwe n’ishirahamwe BRARUDI rihingura ibinyobwa. Kwiyandikisha kwatanguye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Ruheshi 2014. Primusic ihamagarira uwo wese afise ingabirano yo kuririmba ashaka gushika kure, akamo gaterwa kandi umuririmvyi abizobereyemwo ariko ashaka gushika ku rundi rwego, eka n’uwo wese yipfuza kwerekana ico ashoboye mu kuririmba.

Uwushaka guhiganwa ashoborora kwiyandikisha aciye ku muhora wa Primusic : www.primusic.bi canke akiyandikisha aciye ku muhora wa Leo, Econet na Africel. Aha naho bandika umutumwa bugufi izina ryiwe, intara avamwo, kugira imyaka irenga 18. Ubwo butumwa burungikwa ku nomero 155.

Ukwiyandikisha mw’higanwa rya Primusic vyatanguye kuva ku genekerezo rya 06 Ruheshi rikazorangira igenekerezo rya 20 Ruheshi 2014. Ihiganwa rizosozerwa ku genekerezo 31 Myandagaro 2014. Uwuzogira amahigwe agatsinda azoronswa agashimwe kangana n’amafaranga imiriyoni mirongo ibiri z’amarundi (20 millions de FBU). Uwa kabiri gushika kuwa 5 bazoronswa amahera ari hejuru y’umuriyoni w’amarundi.

Tubibutse ko ihiganwa rya Primusic 2014 rigeze ku ncuro ya gatatu, uwa mbere yaritsindiye ni umuririmvyi Rally Jo mu mwaka w’2012, hanyuma Patient Matabaro mu mwaka w’2013. Abaririmvyi Sat B, Patient Matabaro na Big Farious nibo batowe kuzohagararira Primusic uno mwaka w’2014.

Ikinyamakuru canyu IGIHE kizobashikiriza uko ihiganwa rizogenda gushika rihere.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.