Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega: Ihiganwa ry’imvyino zijanye n’igihe ca none - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gitega: Ihiganwa ry’imvyino zijanye n’igihe ca none

Gitega: Ihiganwa ry’imvyino zijanye n’igihe ca none

mardi 23 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wa gatandatu w’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2013 harabaye ihiganwa ry’imvyino zijanye n’igihe ca none (DANCE MODERNE) mu rwego rwo kurushirizaho guteza imbere urwaruka mu kwidagadura no kurondera imirwi izobandanya mu bice bikurikira muri iryo higanwa .

Iryo higanwa ryateguwe n’ishirahamwe ry’urwaruka, mu ntumbero yo guteza imbere imicokama , rikaba ryari ryahuje imirwi yizo mvyino yose ikorera aho mu ntara ya Gitega, iyo mirwi nayo ikaba yagera kuri cumi n’ibiri.

JPEG - 3.4 Mo

Muri iyo mirwi yose uko ari cumi n’ibiri, hashakwamwo imirwi itandatu gusa izohiganwa mu gice ca nyuma ku rwego rw’intara, hama muri iyo,hakazovamwo ibiri izoserukira intara mw’ihiganwa rizohuza intara zitanu z’igihugu rizobera ingozi mu kwezi kwa Mukakaro.

Imirwi itandatu izohura mu gice ca nyuma aho muri iyo ntara,ni: "The Best" waje ari uwa Mbere, "Young Crew" wa kabiri,"King of Dance" wa gatatu,T"imber Lande" wa kane,"Ninja of Dance" wa gatanu na "King of Lion" wa gatandatu .


Joel Sengurebe

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.