Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiza ca Cholera casubiriye kwiha inkumbi mu burengero bw’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ikiza ca Cholera casubiriye kwiha inkumbi mu burengero bw’igihugu

Ikiza ca Cholera casubiriye kwiha inkumbi mu burengero bw’igihugu

mardi 20 Myandagaro 2013

Amazi ni kirumara ku buzima bwa kiremwa muntu wese. Iyo akenye, haca hibonekeza ingaruka mbi ku magara y’abantu. Aho twodomako urutoke ku ndwara zifatiye kw’isuku rike, harimwo n’ikiza chorera.

Inyuma y’aho habonekeye ubukene bw’amazi meza muma komine amwe amwe yo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, ubukene bwanatumye ikiza ca chorera ciha inkumbi muri komine Musaga na Kanyosha yo mu gisagara ca Bujumbura. Ikiza chorera casasitse inganda no mu bice bimwe bimwe vyo mu burengero bw’igihugu c’Uburundi. Aho ni muri komine Rugombo yo mu ntara ya Cibitoke, aho abagera kuri cumi n’indwi aribo bamaze kugaragara ko bafashwe n’ico kiza ca cholera.

Kubw’amakuru ava mu ntara zo mu burengero bw’igihugu, intanduruko y’ico kiza chorera muri ako gace ko mu burengero akaba ari ubukene bw’amazi meza. Ivyo bikaba vyaciye bituma imiryango ishika amajana ane yo mu Cabiza, muri komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza itegurwa kuzokwimurirwa mu kirwati c’amahoro co mu Karwena co muri iyo komine nyene.

Ibikorwa vyo kwimurwa bikaba bizoba mu ntumbero yo kurwanya ikiza chorera cihaye inkumbi muri ako gace ko mu burengero bw’igihugu. Ariko abazokwimurwa ni abari mu gace gusa katagira amazi meza kuko abanyagihugu baho bakoresha amazi atagira isuku.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.