Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiza ca cholera casubiye kwibonekeza i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ikiza ca cholera casubiye kwibonekeza i Bujumbura

Ikiza ca cholera casubiye kwibonekeza i Bujumbura

mardi 5 Myandagaro 2014

Abantu bagera kuri 29 nibo bamaze gufatwa n’ikiza ca Cholera mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura.

Kuva kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro, icegera c’uwujejwe ubuvuzi mu bitaro Prince Regent Charles avuga ko abantu bagera kuri 29 aribo bamaze gufatwa n’ico kiza. Benshi muri abo bamaze gufatwa na cholera, bakaba ari abava mu makomine asanzwe abamwo abantu benshi, ndetse anasanzwe afise ubukene bw’amazi. Ayo nayo akaba ari Kamenge, Kinama, Buterere, Ngagara na Kanyosha.

Ingorane y’ubukene bw’amazi ikaba ariyo iri kw’isonga mu bituma bikuru ikiza ca cholera gisubira kwaduka mu gisagara ca Bujumbura, nk’uko bivugwa na muganga Providence Munezero, icegera c’uwujejwe ubuvuzi mu bitaro Prince Regent Charles.

Uwo muganga akaba abandanya amenyesha ko amatangazo yo gusaba abanyagihugu kwikingira ico kiza aja yaramaze kurungikwa mu binyamakuru bitandukanye. Ayo matangazo, akaba arimwo uko abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi bokwirinda mu kwitwararika ibijanye n’isuku, gukurikiza amabwirizwa y’isuku, hamwe n’ugukaraba neza bavuye mu kazu ka surwumwe.

Mukamenya ko hari haciye hafi ukwezi kurenga, umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesheje ko abantu batatu aribo bamaze kwitaba Imana mu gihe abandi nabo bagera kuri 40 bari mu bitaro bitandukanye. Ico kiza kikaba ubu gisa nicashitse mu ntara zitandukanye nka Bururi, Makamba, Cibitoke na Rutana.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.