Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbere y’uko winjira mu rukundo, ibi bintu utegerezwa kubimenya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Imbere y’uko winjira mu rukundo, ibi bintu utegerezwa kubimenya (...)

Imbere y’uko winjira mu rukundo, ibi bintu utegerezwa kubimenya ukavyitondera

lundi 3 Kigarama 2012

Imbere y’uko uja mu kintu utegerezwa kumenya ico ujamo ico arico, impamvu ukijamo, uburyo ukijamo ndetse n’intumbero nyamukuru ufise. Mu rukundo rero naho niko bimeze, utegerezwa kubanza kumenya ibi bikurikira ngo uzobashe kubikora neza:

1. Kuba umuntu agukunda akemera kuguha umutima wiwe, ntibisigura ko ata tunenge ugira ahubwo aba yagukundanye natwo kandi akemera no kuvyihanganira cane kuko ata mwiza atagira utunenge. Ndetse iyo agukunda vy’ukuri yama yiteze ko ejo canke ejo bundi azokubonako n’utundi kandi urukundo nyarwo agukunda rukamufasha kutwihanganira.

2. Kuba umuntu agukunda akukubwira ko uruta abandi si uko uri igitangaza koko ubaruta bose, ahubwo wewe aba yabakurutishije ku bw’urukundo no kukubaha gutyo nawe uje urabiha agaciro unabimwubahire

3. Kuba agukunda akakwitaho cane si uko aba agirango umushime canke ngo nawe uzomwishure ahubwo ni urukundo ruba rubimutegeka kuko burya aramutse atakwiyumvamwo ukamuha ikibazo co kukwitaho ndakubwije ukuri ko comutsinda! Yoja agera aho akanibagira canke akabikora nabi kubera kubikora bitamurimwo.

4. Guhora akubwira ko agukumbuye si ugukavya ahubwo ni ibikwereka ko atari agahararo, ko urwo agukunda rwashinze imizi kuburyo kuba mwamana bitaba ikibazo ngo bitume aguharurukwa. Ntukumve rero ko akavya, kuko burya urukundo ruba mu mutima.

5.ukunde uwugukunda kuko uwukunda nawe hari ihihe usanga akunda abandi.


Alexo K.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.