IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Imico y’ikirundi ijanye n’igisabo yaratitutse

Imico y’ikirundi ijanye n’igisabo yaratitutse

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Urwaruka rw’ubuntiruzi vyinshi ku bijanye n’igisabo. Venansi Bishime umuhumure arenza imyaka 60 ajejwe kwereka ingenzi ivyiza mu kigo ndanga karanga musée vivant arasigura akamaro k’igisabo aho hambere hahise.

Igisabo bagikoresha mu guterera amata y’inka, uwuterera yaricara ku kirago akaramvya amaguru agatereka igisabo ku bibero hanyuma bakazungagiza bajana imbere n’inyuma gushika amata ageze kuvamwo amavuta, ivyo bita «kuresa». Iyo amata atevye kureta ngo barakiririmbira .Igisabo cabikwa ku ruhimbi kandi caba gikikijwe n’ivyakunze bakoresha mu kunywa amata hamwe n’ivyakirizo, ivyo navyo babikamiramwo.

JPEG - 13.1 ko

"Igisabo nticakoreshwa ah’ariho hose, n’abar’ibo bose"

Igisabo rero ngo cari gifise icubahiro kidasanzwe kandi cari gifise agaciro kanini muri kahise k’ Uburundi ngo kuko nticakorwako n’uwariwe wese. Abapfasoni ngo nibo bagikorako n’abigeme bamaze kwigira haruguru canke Senaka. Ariko abana bato carazira ko begera n’aho kibikwa ku ruhimbi.

Igisabo kandi ngo carazira ko bagisohokana ahabona casohoka bagiye kucoza gusa naho nyene bacogereza mu kigo. Aho naho ngo hakaba hatashika uwariwe wese. N’iyo bishitse umubanyi akaza kugitira ngo bakimuha bagipfukishije impuzu kuko atashobora kugitwara aho abantu babona ngo inka zohumana.

Ubu hoho abantu basigaye babigura bakaja kubitereka mu mazu yabo nk’ibisharizo aho usanga abana bariko barabikinisha, abandi nabo bakabitanga ko utuganuke mu minsi mikuru co kimwe n’ivyansi. Bigatumwa n’uko abana bakura batabwigwa ibijanye n’igisabo n’akamaro kaco.

Birakenewe rero ko imico n’akaranga vy’ikirundi bikingirwa kuko bishobora kuzimangana atagikozwe mu maguru masha. Ivyo bizoshoboka mu gihe abavyeyi bazobigiramwo uruhara rukomeye kuko indero y’ikirundi itangurira mu nzu. Kera ho bavuga bati: « Indero ihera ku ziko».

Igisabo kiva mu bwoko bw’imihiti, iyo nayo yama ibintu bimeze nk’imyungu ariko ikaba minini cane gose kandi yoyo ntiribwa. Hari ivyama ivyungu binini cane ,ibindi navyo bikavamwo ibigereranye, nivyo biheza bikavamwo igisabo , nico gituma hari ibisabo binini binini n’abigereranye.


Marie Claire Ingabire

Messages

  • ndaramtsa umuvyeyi wanje ari mukirundo busoni gatete kabanyana mariya. namkuru wanje nduwamungu jean na ahishakie pierr,nyarinyali.arimwikambi yi giporirisi ingozi na bashiki banje nyabenda erizabeth na icitegetse venatie nijewe mtoyi wanyu ndi muri tanzania zanzibal imana ibarinde ibongerenze imigisha tuzosubire guhura tugihumeka.ndakumbuye kubona ugweru sm ukiwa burnd 257 tz255, 0753216055

  • Ndashimye cane ivyo wigishize hano hantu. birababaje yuko abantu basigaye bitwararika ibintu vy’abazungu n’abandi, bakibagira iyo bavuye! Twebwe abarundi turakwiye ugukura amaboko mu mpuzu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.