Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gushika mu mwaka w’2030 imiriyoni 22 z’abantu zishobora kuba zimaze kurwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Gushika mu mwaka w’2030 imiriyoni 22 z’abantu zishobora kuba zimaze kurwara (...)

Gushika mu mwaka w’2030 imiriyoni 22 z’abantu zishobora kuba zimaze kurwara kanseri

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Igitigiri c’abahitanwa n’indwara zidakira kiguma ciyongera ku mwaka ku mwaka. Zimwe mu ndwara zidakira zisa nk’izitaratorerwa n’umuti uzikiza burundu zibandanya kwiha inkumbi, harimwo indwara ya kanseri. Mu matohoza yakozwe, indwara ya kanseri yatanguye kuduza inguvu mukwiha inkumbi imyaka 25 inyuma y’indwano ya kabiri y’isi yose.

Mu cegeranyo giheruka gusohorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, gushika ubu, ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere nivyo bigaragaza ibitigiri biri hejuru vy’abageramiwe n’indwara ya kanseri. Inyuma y’imiriyoni z’abafashwe na kanseri zigera kuri 14 zibonekeje mu mwaka w’i 2012, bivurwa ko mu mwaka w’2030 hazoba hamaze kwibonekeza imiriyoni 22 z’abafashwe na kanseri. N’ubwo habandanya hakorwa ibitari bike mu gutuza indwara ya kanseri, abatari bake babandanya bahasiga ubuzima mu gihe kanseri zimwe zimwe zoshobora kurindwa, iyaba ubumenyi bwose bwoyivura bwoshizwe mu ngiro.

Kw’isi yose abakenyezi akaba aribo babangamiwe kurusha abagabo, aho abakenyezi bapfa ku mwaka ku mwaka bagera ku bice 57 kw’ijana, abagabo nabo ibice 53 kw’ijana. Kanseri yo mu mahaha vyagaragaye ko ariyo iza kw’isonga kw’isi mu kwiha inganda, gushika ku bice 13 kw’ijana, mu nyuma hagakurikira iyo mu mabere igeze ku bice 11,9 kw’ijana, hagakurikira iyo mu bw’injiriro bw’igitereko iri ku bice 9,7 kw’ijana.

Hano mu Burundi, kanseri yo mu mabere hamwe n’iyo mu bw’injiriro bw’igitero nizo zibandanya ziha inkumbi na cane cane ku bakenyezi batarashikana imyaka 30. Muganga Louis Ngendahayo yanonosoye ivy’indwara ya kanseri akavuga ko, abenshi bahitanwa n’izo kanseri, ari abaguma muhira ntibaje kwa muganga. Kutamenya igitera indwara ya kanseri hamwe n’inkurikizi zayo, kutigishwa no kunonosorerwa ukungene abantu boyirinda, bimwe muvyatowe ko vyoba biri mu bituma idatuzwa bikwiye, biri mu bituma iyo ndwara iguma yiha inkumbi.

Kugira ibitigiri vy’abahitanwa n’indwara ya kanseri bigabanuke, bahamagarira abantu kuja kwisuzumisha kare, biteze inshinge zikinga imigera itera indwara nka za Hepatite hamwe n’igitigu, kwirinda kugira imibonano mpuzabitsina n’abantu benshi atagakingirizo, kwirinda imfungurwa zikwega kugira ibinure vyinshi, kurwanya bivuye inyuma kunywa itabi kuko ryonona amahaha n’ibihimba bituma umuntu ahema, bongere bijukire no kugira imyimenyerezo, ituma amaraso akora ukuri kwamye. Mwomenya ko itabi ryaratowe ku bice bigera ku 25 kw’ijana mu guteza kanseri kw’isi yose.


Mariella Bukuru

Messages

  • ISI IGEZE KURE NI VYABIHE YESU YAVUGA VY’IHEREZO DUHUNGIRE MURI YESU KUKO N’IBINDI BIR’INYUMA.

  • Mugihe boshakashatse umuti uvura kanseri,bafise umwanya wogushakashaka imiti bahinguramwo ibigwanisho bamarane.

  • nikoko isi igeze kure mbaye usubiza Nganji mugabo natwebwe nyene tugira uruhara mugufatwa na cancer kuko ibyo turya nivyo tunywa nivyo bidutera izo cancer none rero no bagira inama abatinya cancer guheba:
    1. guheba Alcool kuko itera umugese mu gitigu n’ahandi.
    2. guheba brochette bishobotse ukaziheba zose kuko inyama ni nzanyi yo kuzana umugese mumubiri
    3. gufata jus ya tungurusumu kenshi gashoboka kuko irinda umugese mumubiri
    4. kwisuzumisha buri mwaka cane cane abagore n’abagabo barengeje imyaka 45 kubera ikibazo ca prostate abafise ibimenyetso vya prostate nabo nabagira inama yo gufata buri gihe amata ya soya iminsi 21 buri minsi irindwi irangiye ukaruhuka iminsi 4 ukanywa ayo mata iminsi 21 niwo muti kubo prostate ikiri ntoya. ubundi hari ukeneye ibindi yo kwandika kuri "rladislas@ymail.com"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.