IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Umukuru w’ishengero rya Betaniya yirukanywe yagirizwa ubupfumu (...)

Umukuru w’ishengero rya Betaniya yirukanywe yagirizwa ubupfumu n’ugushurashuza abagore

vendredi 28 Munyonyo 2014

Inani z’amashengero Rukristu na y’ukwikangura ( Confédération des Eglises Chrétiennes et du Réveil du Burundi) ahejeje guhagarika Baroribwami Gervais arongoye ishengero Bethany Holy Church. Ivyo bibaye inyuma y’igitero cabereye imbere y’iryo shengero, eka afise n’ibindi bidasanzwe yagirizwa.

JPEG - 125.8 ko
Hagati: Bishop Jean Bosco Sindambiwe arongoye CECRBU

Mu kiganiro abarongoye Inani ry’amashengero Rukristu na y’ukwikngura ( Confederation des Eglises Chretiennes et du Reveil du Burundi) bahaye abamenyeshamakuru, basomye urwandiko ruriko ingingo zo kwirukana burundu Gervais Baroribwami. Urwandiko rwasomwe na Bishop Jean Bosco Sindambiwe arongoye izo nani akanaziserukira imbere y’amategeko.

Mbega Baroribwami Gervais arongoye akanaserukira imbere y’amategeko ishengero Bethany Holy Church yagirizwa iki?

Uwo yirukanywe yagirizwa kuba akoresha ubupfumu mw’ishengero, gusambanya abagore ababwira ko agira abasige amavuta gushika ku bihimba vy’irondoka akabwira ko akiza ubugumba n’izindi ndwara.

Ivyo bamwagiriza babisigura uku: mu kwezi kwa Nyakanga 2014, Baroribwami Gervais yakiriye mu gikorane camaze indwi zibiri abapfumu karuhariwe mu karere nk’abavuga butumwa: Elisha MURIRI na Daniel KOMBA . Abo bapfumu bivugwa ko bafashe amazi ari mu gacupa ka RAMBA bakayahindura ikimenyetso bakayitirira amazi y’igitangaza . Mu nyigisho batanga bavuga ko ayo mazi avura indwara nyinshi. Si ivyo gusa, abo bita abapfumu basavye abasengera mw’ishengero Bethany Holy Church kuzana umunyu mw’ibahasha hamwe n’amahera 2500 y’amarundi, amahera barayabika bagasengera umunyu aho baca babasaba kuwugaburira imiryango yabo, bakawisegura, uwundi bakawushira mu mayira abiri kugira birinde umwansi. Muri ico gikorane bavuga ko hagurishijwe imijigiti bavuga ko ivura bakayigura 1500frbu, hamwe n’amabuye nayo yagurishwa bavuga ko ari umuti yagugwa ibihumbi 15000frbu.

Ivyo Baroribwami Gervais yagirizwa vyemezwa na bamwe mu bari muri ico gikorane. Abandi bavuga ko abo bagabo babiri Elisha MURIRI na Daniel KOMBA bamaze kwirukanwa mu bihugu vya Congo, Urwanda na Kenya. Baroribwami Gervais ahagaritswe mu gihe yari yasubiye gutumako abo bagabo babiri mu gikorane cotanguye kuva kw’igenekerezo rya 09 gushika kuri 16 Munyonyo ariko kigahagarikwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu abisabwe n’abarongoye izo nani. Abo banyuma biyemeje guhiga abantu nk’abo bayovya ishengero ry’Imana.

JPEG - 39.8 ko
Umwe mubemeza ko Elisha Muriri na Daniel Komba ari abapfumu

Mwomenya ko Baroribwami Gervais bivugwa ko atagira akabira k’igihugu na kimwe. Inyuma y’ikiganiro, Reverend Pasteur Sylvestre aserukira imbere y’amategeko ishengero Grace Church de Nazareth yaciye afatwa n’ingendereza ntituramenya ico yafatiwe n’iyo yajanywe, ariko hari bivugwa ko yoba agiye kubazwa ibijanye n’igitero cakozwe imbere y’ishengero Bethany Holy Church.

JPEG - 40.9 ko
Remy Christian Ntirurikure umwe bagize izo nani z’amashengero

Cherif Nkeshimana

Messages

  • erega ico cerekana abakijijwe,barahenda abantu ngo bagiye gusenga bakararayo bataye ingo zabo ngo bagiye gukizwa babakuremwo abadayimoni

  • n ukwama dusenga nk abakijijwe kugira ntidutakare tugasaba mpwemu yera ngo aduh kurobanura abakoreshwa n impwembu mbi.

  • AYO MASHENGRO NAKAMENYO!IDINI BAGIRA AMATORA MUKURONKA ABARONGOZI MWARAHUVY.GARUKA MURI CATHOLIKA YAGENEW BOSE KNDI YABATUMWA!AMEN!

  • Abo bagabo bafyura amaso nk’Abavumvyi ngo ni Aba Pasitori!
    Bakora vyose ndabaravye nta butumwa bafise batanga!

  • Yemwe yemwe aho mubona Imana izotubaza vyinshi.Abo bagabo bapfa amagaburanyama.ndahanura aba christo bahasengera kuvayo guko abobagabo bose ni indyadya

  • Imana ibabarire cane. murakenyeye mwambike ibara uwatoranijwe n’Imana ngo n’umupfumu n’umusambanyi? ntakuntu mwoduha icemezo atari ibihuha? Numuvyeyi wanje w’impwemu ntabwo ivyobintu mumwagiriza arivyo namba. Imana yacu ntikorera kuvyipfuzo vy’abana babantu.

  • nukuraba neza abo ba pastori abaribo, icobagamije, namavuta y’Imana bafise. ahubwo mukwiye kwambika impuzu abapfasoni nabakobwa mwazambuye. Iryo nibara. Mana dusenga ikinigihe cugaragaza abanyabinyoma. turakeneye umugore yemeza imbere y’ishengero Bethany Joly church koyakorewe ivyobintu. mbega 8ans iheze nihobabonye kwari umubupfumu?

  • Nimubafate mubapfunge kuko bari mubatez’umuekano muke mu gihugu n’ivyaduka

  • niryo shengero niryugagwe

  • Emwe barundi barundikazi n’incuti z’uburundi!!!!!!!jew nobgira abasomyi muri kurururubuga ko mwovuga make kuko ntacemeza nakimw dufis nk’icemeza canke itonga/kandi uwo yatumye yirukanwa nirementanya yamukorey birazwi n’abasengera aho nkabose.uwo representant protait nigere yashaka gushinga ishengero rwiwe kandi yashaka nogutwara iryo zina bethany holy church kandi atari yaritanguj .ikindi naco yari amazo imisi abgira abantu ngo<<turarushe no kurongorwa n’umunyamahanga>>bene data vuga make kuvyuwo gervais kuko twe turazi ukuri kuriw.iconico citwa ikinyoma gihenye .reka turindir tubone umucamanza mukuru agiy kubigenza "Uhoraho"mbega muri bibliya yakobo ntiyasengey ibuy?1samwel7:6 amazi ntiyasengew?ivu namani2abami:5:17ntiyaritway ngo rimugirir ikamazi .batubgire ico abo bita abapfumu bakoz kitandits mu biblia?amazi nayo barafite ihinguriro ryayo nkuko nino hariho umuntu usanga afis ihnguriro rwiwe bgite."ikinyoma kirugamishwa ukuri kukanyagirwa"erega aha ni i burundi kandi ikigertsko ni bujumbura.merci Bcp

  • Hariho umu président yavunze ngo nta budumbi-dumbi bw’ama sengero nkeneye,ngo genda mu burundi batagira ico bakora!ni bakureho abo nyamahanga,murumva ayo mafranga begeranije uko angana?ikigiracumi kitaraza.

  • popopopo emwebakristo muragabe mwamemurikanuye kugirango intikstu ntahave akorera muribamwe ngo babahende canke ngw’abacemuryahumye mukwigira abavuzi nibindi bitandukanye tarabizi koyesu yakiza igwara zitandukanye ariko ntiyabicisha mubusambanyi canke mukugurisha ivyasengewe nkayamikate namafivyose yabitanga kubuntu mukwerekana ukurikwiwe abagwaye yabavura kumugaragaro izubariva abarushe yarabaruhura non’abobasteri bavura bihishije nivyobasengeye bakabigurisha ntiwunvako ivyobo bitasobanutse kubwaje nohanura abobakrisit basigaye kucabasezera bakigira mugatorika canke muri Islam ahokugirabagumebazemagurik bahendwa nabampemazuzuy ngonapasteri kandabapadiri naba Sheikh bahari!!!!!!!

  • yemwe abakijijwe muragaba ubukene nivyago ntibibateshe ijuru ivyo yesu yavuze ntibibahitane matayo 24-1....

  • kuki abantu benshi bo muri kino gihe bafata amashengero nk’urudandazwa? yemwe murabe maso kuko ibi ni bimwe mu bimenyetso...

  • nagombandagushimire emeline urashoboye akazi kubukokayi mbega komutubwira ngo urira iyi niyi mwiyumviriye twebwe ingenzi ko tutoba twazamyemwo izomodoka erega konda igitumye twanse kongera kuzurira twebwe ingenzi wewe ga komvayeri kwaruguhamagara gusa ngwinjiriyi injiriyi mbega wobuzi izukunda kozoba zifise ivyangombwa wamucamaherawe uzobaze ingenzi zizokubwira icobakundira imodoka nico bazankira sha oooooh ndakubwire kenshi igituma batazurira 1 ntizibandanya iyo muvuga kozishika 2 ntizifise vyangombwa bigatuma abaporisi batemera kozokwinjira mugisagara ndababaze mwe muvuga komubona kure mwoturangira mubyuma bitwara abantu icobakitagira agisida? bamuvugamake aho gatorika uvuga barya bana bavyagwa na batiri bamwe bamwe babavyara gute ja paruwas rukago ntamwana wumupadir yabay ho businde zebiya ntateje umudugararo womenya urushengero rwamureze mbega mubamizrima uturangira wotubwira ivyadyamashami kugira tumenye ico avako ko utweretse inzira nyanzira.

  • Nakamuna nakajoreza nakamenyo Ubwononyi bwabaye umurengera nimureke ubwononyi !!!!!

  • ewe kana kimana urihenz .canegose hamwe n’abandi bose mwandits ivyo mwasomy kurururubuga ,ikimenyetso nuko atanumwe mubakristo basengera aho bemej iyi nkuru usivy abantu binkehwa bari kuruhand rw’uwo agwanya gervais.ivyo bintu vyarasengew nivyo mugabo ntivyagurishwa ahu batoza amahera yo kumarira ingoro y"uhoraho igira ihezwe kwubakwa muruziba muricommun kanyosha ibujumbura"haruguru ya stade olimpic africa.uwo mugabo amugwanya afis akagwi kiwe kamubesha mugabo raba uwo gervais yararekuwe ariko w ntanuwuzi ko azokavamwo mur’iyimyaka kuko ngo "ukuri guca muziko ntigusha".uwo mugabo agwanya gervais ya representant kugwego mpuza makungu ww yirata edouard natw twirata imana j ndahamaz 3 ans kenshi niho mba ndi. aya makuru ntahagij nagato "ndabasabe musome mesage nandits ejo yitwa .;JERMIAH SMITH"."murakoze twe tuzi ukuri. mnn.simpakany ko abigira abakozi b’imana badahari.ariko gervais ni umukozi w’imana eka nuyo amugwanya nawene niwe.shishoza barundi urwumwe ,rukamwa ayera.eeeeee.be carefull,

  • Ewe willy na mazarahisha muri abagabo b’imvugakuri kokooo!!!?mbega mbabaz .."ikibazo cokugwa n’ikindi "?cank cokugwa n’inyishu?emwe nico gituma indyane zamaho cane kugeza nubu uburundi buracakeney abantu bincabgenge bitonda badatwagwa n’ishavu.usangwa iwanyu haduts ingorane aruko muzikemura!!!!!!!!!ndabasetse.ehehehehehehehehehehehe.kandi nashaka ndabamenyeshe ko ejo hahise dimanchesunday"ariho iryo shengero bethany ryasengey aho ryahora.uwo gervais niho yari ari ariko uwo yashats gusambura ishengero ry"Uhoraho we aracafunzwe nubu .biblia.ivuga ngo umunyakibi ntashobora kurama muvyo akora yama atemba.ariko abizigiy uhoraho bo "bamez nk’umusozi siyoni.......etc......psalm .zaburi 2o:7 8/zaburi 125:1 5/murakoz mwirirw neza umukama abahezagire"

  • genda uce wishingire iryawe ntibaguteshe umutwe.hanyuma abo bagore ubarongore wivuye inyuma.

  • yew hussein biragoy ivy’ubu!!!!! kuko atarivy’akristo gusa naba islam nabo indyane mumisikiti zirakomey.can can mubuyenzi .abakatolika nabo zebiya yababerey ikibazo"reka gushikuza kuko niwanyu hari ingorane nyishi gusumvya ....

  • BANTU BIMANA MURITONDA??UBU NI IBIHE VYANYUMA ... IKINDI TURAKENEYE HAMWE VYOBA ARI UKURI UMU DAME CANKE UMUKOBWA YASHURASHUJWE GUTYO AGASHINGA INTAHE GUTYO AZOBA YIBOHOYE KUGIRA AKIZE ABANDI NTIMUBE BA RYUMEKO KUKO NTACO MUBITSE.....

  • Ni mureke kuvuga ivyo mutazi ndazi Gervais na protais vyukuri Dieu merci kubona bamuhagariste ngira agiye gusubira murukundo rwambere erega vyari biteye sono ivyo yara maze mwo imisi protais vraiment numukozi w’imana abushiste kandi née meza 100% ko imana iri kuri hanse rwie iyoba muzi ko ari muri mission muri prison ba prisonnier barikumwe namaze gukizwa nti woraba ahubwo jewe numiwe lyduine ndazi ko uri touche na ma kosa vya apôtres mais ni igihe imana igihe kwerekana ivoirine na bado pe bethany tutoyé kuraba abakurikiye Gervais na akurikiye Imana

  • Vyaragaragaye ko satani yari yahagurutse Aciye mu nani z’abapasitori bamwe muribo barushe, ata n’intahe nziza bafise muri kino Gisagara ngo asambure bethany holly church.Nagira ndababwire ko ivyo bakwiragije vyose ari ikinyoma cambaye ubusa mw’ishengero rya betaniya ivyo bintu twarabitohoje tubura preuve n’imwe ubu rero Appotre Gervais arasharamye kandi imana ntiyoreka kumugirira neza naho bamwe mu ba pasitori bamufitiye ipfuhe kubera udushengero twabo tugumba kubera kubura ivy’impwemu bagabura.

  • Emwe Bantu B’Imana reka tubirekere Imana niyo izi ukuri. Kandi ico umutima wanje ushingirintahe nuko ukuri kutigera guhambwa.

  • ndabasavye mumpe umuco kubijanye n’ishengero ryacu ryiza Bethany holy Church inyuma yaho habereye ingorane muriryo kuko jewe ndi inyuma y’igihugu hafi 2ans.mwompumuruza gute?

  • NYARUKA YESU NYARUKA UDUTABARE. IVYO BINTU BIRAGOYE GUTAHURA.

  • haaaaaaa bakunda ivyo bavuga ,abandi bakunda ivyo bemera..........iki nigihe ca nyuma uwariwe wese akwiye gusenga mu mpwemu no mukri ivyo navyo imana niyo mucamanza ntawovyemeza canke ngo abihakane kuko burya shetani yitiza abakomeye kandi niyo agomba gucafuza ntashobora gucafuza uwuzuye umwanda........

  • Jewe ndazi ko amashengero yose atemera amabwirizwa cumi y’Imana arimwo n’isabato (ibwirizwa rya 4, raba Kuvayo 20: 8-11), ko akorera Satani. Simvuze ko abemera Yesu bakwubahiriza n’isabato yiwe ar’abagororotsi. Mugabo bibliya ivuga ko aribo bonyene bafise ikimenyetso c,uko ar’ubwoko bw"Imana (Soma Ezekiyeli 20:12, 20). Amashengero Yandi yose abandanya kujuragirika mu mwiza. Amwe ngo arasabira abapfuye akanabarungika mw’ijuru, ayandi ngo azoduga mw’ijuru mu nzamba y’akabanga, n’ibindi n’ibindi... Ivyo rero vyo gukurikira ubupfumu no gusambana ntibitangaje kuko yesu yavuze ko Mpwemu w’ukuri ni yaza azotuyobora adushitse ku kuri kwose (Yohani 16: 13). Ijambo ry"Imana ni ryo kuri (Yohana 17: 17). None abantu bagiye kuyoboka dimanche yavuye mu gipagani c’i Babuloni, igaterwa ko igikumu n’umwami w’umupagani w’abaroma, abantu bo mur’ayo mashengero mwumva botugeza kuki? Ni ya nzira yagutse nyene ijana mu mahonero (Matayo 7: 13-14). Raba kandi Matayo 7: 21-23)

  • ba christu beza b IMANA muragabe ntimusamazwe n,abo bigira ngo nibo bari mu kuri kuko biboneka ko inyuma yabo hari ikindi c,inyegeje inyuma.ndabasabe dukomeze gusenga UHORAHO wenyene dusenga niwe uzoca urubanza.twongera tumusabira Gervais ngo abandany akomera mu butumwa bwiwe arimwo naho bariko bashaka kumucintege.je sinovyemeza canke ngo ndabihakane ko yabikoze kuk ntacemeza nfit arik biciy ku nyigisho ziw vyaratumye nitahura ndamenya uwondiwe n,ico nkwiye gukora.Muhezagirwe

  • abobantu bazimiza abantu nkuko baragowe imberey’Imana knd biza nokubona ibisengero binini binini niko bimeze vyama bigenda uko.knd na apotle nuko ameze j narindenganyeh murazi ko bakunda guseng misiyose?ncambona ahamagaye umuntu ngwamusengere, aca avuga ngo mwizina rya yesu wamuntu aranka gutemba acayongera kumukora muruhanga wamuntu aca aratemba.none mw namw ivyobintu muvyumva gute?uyundi mus naw naciyeho ariko arasengepra umukobwa yonze ngwavyibuh.mbendababaze?harya uriko urakorera Imana umuntu arangoye nkiryo shengero araguhemba ngo nuko warimvye?rero muri betani nuko biri hariho abaririmvyi,aba musieur abo bose barahembwa hariho umurideur waho kukwez ahembwa 60000f none uko mwumva atari ukuzimaza abantu?Imana itubabarire vrm

  • Vyabay Ryari.Ndabaza.Amandini Yose Yoba Ahimbara Imana?Nukuri Ukuh Kujany Nidini Ryukuri?

  • Andika hano.sivyo gusa harinamashengero akoreshwa nkivyumba vyamasengesho kugira ngo yigishe abenegihugu gutora oya nokutunvira amategeko yigihugu.akarorero pasteur Jean Marie yiyitirira ishengero rya IEPCB MUNTARA YA CIBITOKE COMMUNE BUGANDA Batumwa numumissioneri wabo umurundi aba Austraria ayoboka umugabwe wa fnr.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.