IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Annonce > « Indinganizo y’amatora mu Burundi: Icigwa covamwo kugira ayakurikira agende (...)

« Indinganizo y’amatora mu Burundi: Icigwa covamwo kugira ayakurikira agende neza »

lundi 25 Munyonyo 2013

Mu masezerano abanyeporitike b’abarundi bari bumvikanyeko bazoshira mu ngiro kw’ igenekerezo rya 11 gushika ku rya 13 Ntwarante 2013 i Bujumbura mu ntumbero yo gutegura amatora meza kandi yizewe na bose yo mu mwaka w’2015, ejo aho bukera, ku wa 27 Munyonyo, buca basubira guhura, ingingo 42 bumvikanyeko, basubire bazinoganze, mu kwitegurira ayo matora. Izo nazo, tukaba twashimye kuzigarukako zose, ukwo zumvikanyweko, igihe bari mu nyubakwa z’uwuserukira umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.

Muri uyo mubonano wari witabwe n’abahoze barongoye igihugu c’Uburundi, abaserukiye Reta y’Uburundi, inama nkenguzamateka, umuhuza w’abarundi, umukuru w’umurwi uzotunganya ayo matora CENI, abakuru b’imigambwe n’abanyeporitike, bahuriye mu nyubakwa z’ibiro vy’ishiramwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, bumvikana ibi bikurikira :

Ivyiyumviro ngenderwako

1. Ibiganiro vya poritike birimwo abanyeporitike bose, ni nkenerwa mu gutsimbataza intwaro rusangi mu gihugu;

2. Amatora, ni igihe gihambaye mu buzima bwa poritike y’igihugu nico gituma yose ategerezwa gutunganywa neza (mu vyerekeye amategeko ayagenga, kwiyamamaza, gutora, ni ikiringo c’inyuma y’amatora) ku mu garagaro, kugira umuntu atore ikiri k’umutima ata gahotoro canke akarenganyo;

3. Umutekano ukwiye mu gihe c’amatora ni kirumara kugira abatora batore mu mutekano ata gitsure;

4. Imigambwe, abanyaporitike n’imigambwe yagize urunani bategerezwa kuronka uburenganzira bwo gukora ibikorwa vyabo mu gihe batarenze amategeko;

5. Umwizero hagati ya Reta n’abanyeporitike, ugizwe n’ugukorana, kuvugana ukuri, gukorera ku mugaragaro ata n’umwe akumiriwe, niryo shingiro ry’amatora atunganijwe neza;

6. Guhimiriza abakenyezi ngo bagire uruhara mu bikorwa vya poritike kugira baronke uburyo bwo guserura ivyiyumviro vyabo no kugira ico bavuze mw’itunganywa ry’igihugu, nk’uko bisanzwe biteguwe mw’itegeko nshingiro ry’Uburundi n’ayandi masezerano mpuzamakungu;

7. Imigambwe itegerezwa kwemera ivyavuye mu matora. Abatsinze amatora ntibatsindeho, kandi batware ku neza y’abanyagihugu bose. Abatsinzwe amatora, hariho ivyo batemera mu vyerekeye ingene amatora yagenze, bategerezwa kubihakana mu mahoro, bisunze amategeko;

8. Abatsinze n’abatsinzwe amatora bategerezwa gukorana ku neza y’abanyagihugu;

9. Ivyo gukoresha inguvu canke indwano nta kibanza bifise mu ntwaro rusangi;

10. Uruhara rw’ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe adaharanira ivya poritike mu gutsimbataza intwaro rusangi rutegerezwa gutsimbatazwa. Abamenyeshamakuru n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivya poritike bategerezwa gukora bisunze akarangamutima k’ubuzi bwabo;

11. Gushiraho umwuka mwiza mu gihugu kugira amatora agende neza, ni igikorwa ca Reta n’inzego zayo hamwe n’imigambwe n’abanyeporitike, amashirahamwe adaharanira ivya poritike, amashengero n’ibimenyashamakuru;

Ibisabwe

Amategeko agenga amatora

12. Gushiraho itegeko rigenga amatora ryumvikanyweko na bose imbere y’impera y’ukwo uyu mwaka w’2013 urangira;

13. Kwemeranya imbere y’amatora ingingo z’ibwirizwa nshingiro zitegerezwa guhinduka;

14. Gusaba umukuru w’igihugu, hisunzwe ingingo za 297 n’299 z’ibwirizwa nshingiro, ko atomora ingingo z’ibwirizwa nshingiro zitegerezwa guhinduka mu kiringo gishemeye;

15. Kudakumirana mu guhinyanyura amategeko atunganya amatora n’ubuzima bwa poritike mu gihugu ;

16. Gusonera ukwidegemvya kw’abanyeporitike n’abanyagihugu basanzwe; no kuringaniza amategeko y’igihugu araba ivy’agateka ka zina muntu kugira ajane n’ivyanditse mw’ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko mpuzamakungu Uburundi bwateye ko igikumu;

CENI, CEPI na CECI

17. Kwemeza ubwigenge, ukudahengama, no kuronsa umurwi CENI amafaranga yo gutunganya igikorwa c’amatora mu bwigenge;

18. Kuraba ko CENI ishira mu ngiro ibihano bitegekanijwe n’amategeko mu gihe c’amatora;

19. Kwumvikana n’imigambwe abozoyiserukira mu ma CEPI n’ama CECI;

20. Gushiraho inzego zitari iza CENI zijejwe gutatura amatati avutse mu matora;

21. Gutunganya ingene imigambwe, abanyaporitike na CENI bomenya ivyavuyemwo mu matora, uko agenda ararangira rimwe rimwe;

22. Gutunganya ingene CENI, imigambwe n’abanyaporitike bohanahana amakuru mu gihe c’amatora.

Umwuka mwiza

23. Kureka abanyeporitike bose bavyifuza kuja mu matora mu gutunganya ibiganiro vya bose ku bibazo vyose bijanye n’amatora;

24. Gushira imbere ibiganiro mu gutorera inyishu ibibazo vya poritike mu gihugu no mu migambwe;

25. Guhimiriza imigambwe kwiyunga no kuja hamwe; no kwirinda kwisuka mw’itunganywa ryayo;

26. Guhana ivyaha, no kwiyamiriza gukoresha ubwicanyi nk’imvugo ya poritike;

27. Gutunganya inyigisho zo gukunda igihugu abari mu vy’amatora kugira ntibinubane, no guhimiriza abakenyezi ngo bayitabe ari benshi;

28. Kuraba ko amoko yose n’abakenyezi baserukiwe nk’ingene bisanzwe bitunganijwe mw’Ibwirizwa nshingiro, no mu mazerano y’i Arusha;

29. Kuraba ko imihari y’imisore yiyitira imigambwe ya poritique ikora kugira amatora agende neza;

30. Gufata ingingo z’umutekano ku banyeporitike bose kandi ziborohereza ibikorwa vyabo, zigatuma n’abanyagihugu batora mu mwidegemvyo;

31. Kureka imigambwe n’abanyeporitike bagakoresha ibimenyeshamakuru vya Reta, bagaserura ivyiyumviro vyabo, bakidegemvya, kandi bagomvye bakaja hamwe;

32. Kwemeza ko Uburundi bufise imigambwe ya poritike myinshi mu kuyireka ikaja mu matora;

33. Kwandika no gushira umukono ku masezerano ngenderwako yo kwigenza neza ku banyeporitike mu gihe c’amatora;

Gutunganya no gushira mu ngiro igikorwa c’amatora

34. Gusubiramwo iyo bikenewe kandi ku mugaragaro urutonde rw’abatora no guha ikarata karangamuntu n’ikarata yo gutora umuntu wese abifitiye uburenganzira;

35. Gukoresha ikarata imwe rudende ku matora yose mu matora azoba;

36. Amatora amwe amwe arashobora kubera rimwe;

37. Gukora ibimenyetso vy’imigambwe bitandukanye kugira ntibayitiranye;

38. Gufata co kimwe, no kwitwararika abarungitswe n’imigambwe guhagarikira amatora;

39. Ivyavuye mu matora bahejeje guharura bitegerezwa ku manikwa kandi bikarungikwa mu mutekano ku babijejwe; abarungitswe n’imigambwe guhagarikira amatora bakaronswa ikopi y’ingene vyagenze / canke y’ivyavuye muri ayo matora;

40. Amatora yose ategerezwa kuba ahagarikiwe n’abarorerezi mpuzamakungu, bo mu karere no mu Burundi;

Gukurikiza izi ngingo

41. Ishirwa mu ngiro ry’izi ngingo rizokurikiranwa n’umurwi uhurikiyemwo imigambwe n’abanyeporitike, bashigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abasanzwe bafasha Uburundi;

42. Muri iyo ntumbero, birasabwe Leta gutunganya mu maguru masha ama nama yo gukurikiranira hafi ivyumvikanywe, no gushira ahabona ikirangamisi cerekana ingene bizoshirwa mu ngiro; ivyo ikabikorana n’amashirahamwe yayo, imigambwe n’abanyeporitike b’abarundi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’abasanzwe bafasha Uburundi.

Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 13 Ntwarante 2013

Intererano y’amakungu muri ivyo biganiro Bimwe mu vyashikirijwe n’abafasha Uburundi nk’intereno muri ivyo biganiro, ni nk’ibi :

.Barashima ivyo biganiro bidakumira vyatunganijwe mu nama ishingiye ku nyigisho zotangwa n’amatora yo 2010, n’integuro yokorwa ku vyerekeye amatora yo mu 2015 bakanatera intege Reta n’abandi ba nyeporitike bose ngo bashishikare ivyo biganiro bidakumira kugira hategurwe amatora mu muco, mu kuri kandi atekanye mu 2015;

. Biyemeje kuronsa Reta intererano mu vya ngombwa bikenewe mu gutegura ayo matora, ibikoresho, ubuhinga n’amafaranga kugira ngo hatunganywe amatora yizigiwe na bose, mu mwidegemvyo, mu muco no mu kuri;

. Barakenguruka ko hari abarongoye imigambwe batashe mu gihugu cabo bava mu buhingiro, bakanabasaba kuguma mu Burundi kugira ngo bakorane n’abanywanyi b’imigambwe yabo mu gutunganya amatora yo mu 2015;

. Barashira imbere cane ko hatunganywa amatora adakumira n’uruhara rwa Reta n’imigambwe mu gutunganya amatora mu mahoro;

. Basaba Reta n’imigambwe kwubaha no kwubahiriza ibizova mu matora;

. Basaba Reta n’imigambwe gushira mu ngiro ivyavuye muri iyi nama n’ivyashikirijwe n’abakurikiranye amatora yo mu 2010, kugirango hashirweho amategeko meza n’umwuka mwiza muri poRitike n’umutekano bituma amatora yo mu 2015 aba mu mahoro;

. Baragaragaje icipfuzo co kurungika abarorerezi b’amatora yo mu 2015, Reta y’Uburundi iramutse ivyemeye;

. Barashigikiye akamo Reta y’Uburundi yateye abanyeporitike bakiri mu buhungiro ngo batahe mu Burundi kugira bafashe mu gushiraho umwuka mwiza muri poritike bongere bahiganwe mu ma matora yo 2015.


Jean de Dieu Mbabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.