Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyambaro y’umwigeme atambana na Rally-Joe ntishigikiwe na benshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Inyambaro y’umwigeme atambana na Rally-Joe ntishigikiwe na benshi

Inyambaro y’umwigeme atambana na Rally-Joe ntishigikiwe na benshi

samedi 10 Myandagaro 2013

Ukwambara ntiwikwize, ni kimwe mubitesha akaranga umuntu na cane cane ku bigeme n’abakenyezi bakwiye kwerekana ubupfasoni. Ubwiza bw’umuntu ntiburaba ingabire umuntu yoba afise, ariko inyifato runtu niyo ituma umuntu agera kure akanashimwa.

Bamwe mubigeme baririmbana n’umuririmvyi Rally-Joe, barerekana inyifato itabereye mu nyambaro zabo. Ivyo bikaba bidashimwa na benshi.

Ikinyamakuru IGIHE caraganiriye na bamwe mu bakunzi b’indirimbo za Rally-Joe n’umurwi wiwe kubijanye n’inyifato za bamwe baririmbana n’uwo muririmvyi, bashikirije iciyumviro cabo bavuga ko babona inyambaro zab’igeme baririmba na zishobora gutuma uwo muririmvyi adatera imbere mbere n’abakunzi b’indirimbo ziwe bakagabanuka.

Naho abandi bo bavuga ko ataco bitwaye kunyambaro, mukuvuga ko mu muziki hagomba kubamwo ibituma abantu bashwashwanuka, iciyumvuro kiva muri bamwe mubamenyeshamakuru kivuga ko inyambaro z’abambara ntibikwize zishobora gutitura imico y’igihugu, n’ubwo indirimbo ubwazo ziba ziriko zirashwashwanura abantu. Inyambaro z’abaririmvyi zari zikiwe kujana n’amajambo y’indirimbo ziba ziriko ziravuga.

Kuri uyo mwigeme adomwa k’urutoke ko yambara ntuyikwize yagize ati: “umuntu ari imbere y’isinzi ry’abantu, ntivyoroshe kubanezereza bose, haba mu nyambaro canke mu ndirimbo. Mu vyukuri kwambara gutya ntakindi kibintuma atari ukunezereza abankunzi banje kandi nanje ubwanje ntaco bintwaye.”

Umuririrmvyi Rally-Joe aremeza ko amaze kubisabwa n’abatari bake ko yogenzura abo bakorana mu murwi wiwe kugira ntibibandanye vyonona igicapo ciza afise ku bakunzi b’indirimbo ziwe.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.