Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyifato zijanye n’imibereho kimwe mu bituma abakenyezi babangamirwa n’ikiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Inyifato zijanye n’imibereho kimwe mu bituma abakenyezi babangamirwa n’ikiza (...)

Inyifato zijanye n’imibereho kimwe mu bituma abakenyezi babangamirwa n’ikiza SIDA

vendredi 29 Munyonyo 2013

Mu vyatangajwe n’urwego rw’igihugu rwishinze ku rwanya ikiza ruhonyanganda SIDA (PSN), Uburundi buracahanzwe n’intambanyi zitari nke zishingiye mw’ihuzwa ry’ibitsina, n’agateka ka zina muntu mu kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.

Nk’uko vyatangajwe na Damien Nimpagaritse, umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegeyezwa mu rwego rw’igihugu rwishinze kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, mu nama yo kurabira hamwe aho ibikorwa vyo kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bigeze mu Burundi yabaye kuri uyu wa kabiri wa 26 Munyonyo, Uburundi buracahanzwe n’intambanyi zitari nke. Damien Nimpagaritse aremeza ko n’ubwo hamaze gukorwa ibitari bike mu kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ku rwego rw’igihugu, intambanyi zitari nke zihurikiye ku bitsina no ku gateka ka zinamuntu ziracigira akayoberabahinga.

Bimwe mu bituma abakenyezi babandanya babangamirwa n’umugera wa SIDA harimwo inyifato zijanye n’imibereho babamwo ya minsi yose, ijanye n’imicokama itari myiza, inyifato zihurikiye ku butunzi n’ibindi. Mu matohoza yakozwe mu mwaka w’i 2007 ku barwayi ba SIDA, ibice vy’abagabo bari bayirwaye vyari kuri 2,81 kw’ijana, ku bice bigera kuri 2,91 kw’ijana vy’abakenyezi. Ivyo bice vy’abakenyezi biri hejuru bikaba kandi vyibonekeza no ku bogore b’abapfakazi n’abahukanye. Ikindi naco, igitigiri c’abarwayi bose bagendandana umugera wa SIDA baharurwa muri uyo mwaka nyene ku bihumbi 89 ku bantu batarenza imyaka 15, muri bo harimwo abakenyezi ibihumbi 43.

Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegeyezwa mu rwego rw’igihugu rwishinze kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, akavuga ko igituma mu Burundi abakeneyzi aribo benshi mu kurwara umugera wa SIDA biba bivuye ku butunzi baba bafise buba buri munsi kurusha ubw’umugabo hamwe n’ukungene aribo bakunda kubangamirwa gufatwa ku nguvu. Ku bwa Damien Nimpagaritse, hamwe ubukene, urugezo rwo kudakoresha udukingirizo hamwe n’indwara zivuye ku gukora amabanga mpuzabitsina vyobandanya, nta nkeka inzira zo gushobora kwandura umugera ziziyongera.

Twobibutsa ko urwego PSN (Plan stratégique national de lutte contre le SIDA) urangura imigambi yayo kuva mu mwaka w’ 2012 ukazogeza mu mwaka w’i 2016.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.