Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’imyaka 43 bahukanye yasubiye kuresha umugore wiwe gushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Inyuma y’imyaka 43 bahukanye yasubiye kuresha umugore wiwe gushasha

Inyuma y’imyaka 43 bahukanye yasubiye kuresha umugore wiwe gushasha

vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Urukundo ni igitangaza, kuri wa munsi mukuru w’abakundana hari umugabo w’imyaka 75 azwi kw’izina rya Louis Demetriades vyananiye kwihangana, yasanze umukenyezi wiwe bari bamaze imyaka 43 bahukanye asubira kumusaba urukundo ukundi gushasha.

Uwo mugabo yaciye asanga uwo yahora ari umupfasoni wiwe Renate ahari azana icapa kinini cane canditse ko giti:’’ Umunsi mukuru mwiza w’abakundana, turashobora kwubakana’’ Uwo mugore nawe amwishura ati ndavyemeye cane. Kahise kabo bakunzi babiri, akaba atawogafata minenerwe, bahuye ku myaka cumi n’umunani, barubakana urwabo mbere mu rukundo rwabo bakaba baharonkeye abana batatu.

Imyaka 13 gusa inyuma y’ ubugeni bwabo, baciye bahukana umwe wese aja mu buzima bwiwe, mu kwezi rero kwa kigarama guheze uwo mugabo n’uwo mugore barasubiye guhura.

JPEG - 16.2 ko
Umushingantahe wa Renate amusanze ku kazi kumuresha ubugira kandi

Umwe wese akaba yarapfakaye kuko bari bagize ubukwe n’abandi. Uwo mugore Renate aremeza ko n’ubwo bari baravanye atigeze yibagira umukunzi wiwe wa mbere. Uwo mugabo n’uwo mugore bakaba bagiye gusubira kuja hamwe ,mbere abana babo bikaba vyarabanezereje cane.


Floxella Karire

Messages

  • Ubwo ntaco bari bagwaye? None ko bose inguvu zabaheranye bazomariranira iki? Gufuka urushi!!!

  • Ayayayayaya! Ngo urukundo rufite ubukomezi bukomeye cane! Nicogituma imanza zabubakanye arizo kwitondera! Kira noneho umuntu mwabanye mugasangira uburiri,ishuka,isahani bimwe mukirngo cimyaka 13, yew biragoy ko abo bantu bashobora kwibagirana! Arko mbaze akabazo: burya abafit imyaka nka 70 baba bagihurumbira ivyukwubakana nkabakiri bato?? Nyishure!

  • Ayayayayaya! Ngo urukundo rufite ubukomezi bukomeye cane! Nicogituma imanza zabubakanye arizo kwitondera! Kira noneho umuntu mwabanye mugasangira uburiri,ishuka,isahani bimwe mukirngo cimyaka 13, yew biragoy ko abo bantu bashobora kwibagirana! Arko mbaze akabazo: burya abafit imyaka nka 70 baba bagihurumbira ivyukwubakana nkabakiri bato?? Nyishure!

  • ikibazo sukurangura amabanga gusa.niteka kubana burya abana nararyohewe.nizere ko bazoca babagirira yubire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.