Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ireresi "Fier de moi", igiye gusohoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "Fier de moi", igiye gusohoka

Ireresi "Fier de moi", igiye gusohoka

jeudi 26 Nyakanga 2013

Ireresi "Fier de moi" yanditswe na Yannick Ndayisaba izoja ku mugaragaro mu mpera z’iyi yinga. Umwanditsi w’iyo reresi akaba ari mu bamaze iminsi bakurikirana inyigisho z’ukwandika amareresi, inyigisho zateguwe na Camera Mundi hamwe na COPRODAC ifashanije na Handicap International. Iyo reresi ikaba yatowe mu zindi iraheza iryohorwa n’uwatanze inyigisho kumwe n’abari muri izo nyigisho nyene.

Kuva ku wa mbere igenekerezo rya 16 Nyakanga umwaka w’2013, hariko haba inyigisho z’ukuntu bandika areresi. Izo nyigisho zikaba zateguwe na Camera Mundi hamwe na Collectif des Producteurs pour le Développement de l’Audiovisuel et du Cinéma du Burundi, COPRODAC mu mpfunyapfunyo. Iyinga ya mbere y’izo nyigisho ikaba yarangiye hatowe ireresi imwe muri 20 z’abitavye izo nyigisho. Gutyo iyo reresi ikorwe n’abitavye izo nyigisho bafashijwe na Adrian Smith, uwutanga izo nyigishoyateguwe neza kuruta izindi. Ireresi "Fier de moi" ya Yannick Ndayisaba, umusore akiri muto w’umurundi, ikaba ariyo yatowe mu zindi 20 zanditwe n’abitavye izo nyigisho.

Inyuma y’iminsi 4 bari mu gikorwa co gufata amasanamu y’iyo reresi, iriko iratosorwa neza amasanamu hamwe n’amajwi. Umuhinga mu vy’inyandiko z’amareresi Adrian Smith, asanzwe yigisha ubwo buhinga muri za kaminuza mu Bufaransa, yagize ati: " Ndashima cane abantu twakoranye iyo reresi, icakozwe kuva mu ntango gushika irangire. Abariko barakurikirana ibikorwa vy’iyo reresi bakaba bakoze umwanya muremure, ku buryo batangura mu gatondo, bagaheza mu gicugu nk’isaha zitandatu z’ijoro. Barerekana ugushaka kumenya umwuga wo gukora amareresi"

Yannick Ndayisaba

Ku bwa Yannick Ndayisaba, avuga ko kubona ireresi yiwe ariyo yatowe, bimuhaye intege z’ugukora izindi reresi. Yannick akaba yatubwiye ko ari akanyamuneza kenshi cane. Aravye ahageze ibikorwa vy’ugushira ku mugaragaro ireresi Fier de moi ARAKENGURUKA.

Iyo reresi "Fier de moi" ikaba itegekanijwe kwerekanwa mu kigo c’abafaransa co mu Burundi ku munsi wa gatandatu w’iri yinga turimwo. iyerekanwa ry’iyo reresi akaba ariryo rizosozera izo nyigisho zizoba zimazwe amayinga abairi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.