Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru y’utugenegene n’akaranga muri Afrika y’ubuseruko igiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Isabukuru y’utugenegene n’akaranga muri Afrika y’ubuseruko igiye (...)

Isabukuru y’utugenegene n’akaranga muri Afrika y’ubuseruko igiye gutangura

lundi 21 Nzero 2013

Mu kwezi kwa Ruhuhuma kuza,niho isabukuru y’utugenegene n’akaranga muri Afrika y’ubuseruko izotanguzwa nkuko vyari vyaremejwe mu mwaka wa 2011 n’abashikiranganji batanu bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo muri ako karere ka Afrika y’ubuseruko.

Nkuko Eriya Jesca umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe igisata c’imibano igihe yariko arugurura umurongo wo ku ngurukanabumenyi www.jamafest.org w’iryo sabukuru mu ntumbero yo kuzotanga amakuru mu mwanya ubereye.Icivugo c’iryo sabukuru akaba ari:

« Kworosha iyinjira mu karere biciye mu karanga.»

Intumbero nyamukuru rero z’iryo sabukuru zikaba ari:

- Guhurira hamwe kugira bahe agaciro umuco nka kimwe mu bintu bikuru bituma haba iyinjira mu karere hamwe n’iterambere rirama.

- Guhuza Afrika y’ubuseruko isanzwe irimwo imico itandukanye, mu ntumbero yo guhimbaza imico itandukanye yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

- Gutanga ikibanza co kuganiriramwo ku basangiye imico itandukanye bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

- Guteza imbere akarere ka Afrika y’ubuseruko biciye mu kurondera isoko y’ivyahinguwe n’ibikorwa vy’imico.

- Guteza imbere imico n’akaranga nk’igikoresho co gutumatumanako mu karere.
Iyo sabukuru izoba ku ncuro ya mbere ikazohuza ibihugu 5 vyo muri Afrika
y’ubuseruko,izobera I Kigari kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2013.

JPEG - 47.7 ko

Hategekanijwe ko hazoba inganda.kwerekana ku masanamu,kwerekana ku mugaragaro ibikorwa vy’abahinga bo mu gihugu cose co mu karere.gushika ubu rero abazoserukira igihugu c’u Burundi bakaba bataramenyekana.

Umunyamabanga nshingwabikorwa akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba abanayagihugu bo mu karere ko m’ubuseruko kwitaba iyo sabukuru na cane cane abanyagihugu bo m’u Rwanda.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.